I. Bane mu baharanira agateka ka zina muntu bo mu mw’ishirahamwe AFJB rihurikiyemwo abakenyezi bize ivy’amategeko hamwe na APDH riharanira amahoro n’agateka ka zina muntu, bahagaritswe mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye i Bujumbura, mu gihe bariko baja mu gihugu ca Ouganda. Umushingwamanza Sonia Ndikumasabo, aserukira imbere y’amategeko AFJB, Marie Emerusabe, umuhuzabikorwa muri AFJB, Sylvana Inamahoro umuyobozi nshingwabikorwa muri APDH et Havyarimana Audace aserukira imbere y’amategeko APDH, bose bahagaritswe n’umutahe w’umushikirizamanza abagiriza gusuma urusaku (espionnage mu gifaransa), baca bajanwa mw’iperereza hafi ya cathédrale Regina Mundi. Amakuru ya nyuma uruganda rwa radiyo Inzamba rwaronse n’uko batanguye gusambishwa igihe c’isaha cumi z’umuhingamo.
II. Inama nshingamateka yaremeje integuro y’itegeko rishasha riha uburenganzira umucamanza umwe rudende gusasa mu ntahe y’icese. Ivyo ngo bizotuma imanza zinyaruka, kandi umucamanza azokwitwararika ico ariko arakora kuko abikoze neza canke nabi ari we azobibazwa. Ivyo vyavuzwe kuri uyu wa mbere n’umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona, yari yagiye gusigurira abashingamateka imvo n’imvano y’iyo mpinyanyuro, aho avuga ko ari no mu ntumbero yo gukurikiza amategeko yo mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko.
III. Iyo nteguro y’itegeko ni nziza, ariko kandi ikagira ingaruka mbi mu gihe abacamanza bobandanya gukorera ku gitsure ca leta. Ivyo bisigurwa na Me Janvier Bigirimana yanonosoye amategeko, avuga ko iciza ari uko ata mucamanza yosubira kwikinga inyuma y’umugwi w’abacamanza baciye urubanza rutabereye. Me Janvier Bigirimana amenyesha ko iyo ngingo ari iyo kwitondera, mu gihe rimwe na rimwe ingingo y’umucamanza iba yatamitswe n’ubutegetsi.
IV. Hari abapolisi babiri bo ku kirindiro co ku mutumba Rugazi muri komine Kabarore, bapfungiwe muri komisariya y’igipolisi ya Kayanza kuva kuri uwu wa mbere. Bikavugwa ko bafashwe ku mvo z’uko baheruka kwakira igiturire bahawe n’abantu bari bashoye mu kinyegero ibiraya, muri kimwe mu bihugu bibanyi vy’Uburundi, kandi bibujijwe n’amategeko. Muri kino gihe rero, bariko bakorerwa dosiye kugira ngo vuba bashengezwe imbere y’ubutungane. Aho muri ako gasho k’inyamiramabi nyene, harapfungiwe umugabo w’imyaka 22 azwi kw’izina rya Patrice Habimana wo ku musozi Munege wo muri komine ya Kabarore nyene. Yagirizwa kuba mw’ijoro ryakeye buca ari kuri uwu wa kabiri, yafatanywe ibiro bibiri vy’ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan. Bikavugwa ko na we nyene yariko agerageza kubushora hanze y’igihugu mu kinyegero. Na we nyene akaba ariko akorwako amatohoza kugira vuba azoshirwe imbere y’ubutungane.
V. Umukuru w’umutumba Muremera muri komine n’intara ya Ngozi yarakuwe mu mabanga yo kurongora uwo mutumba. Amakuru ava ngaho ku mutumba Muremera avuga ko yoba yazize kutitaba telefone ya Musitanteri w’iyo komine, mu gihe yashaka kumutumira kuja mu bikorwa rusangi. Ariko ayandi makuru ngo icinyegeje inyuma kwoba ari uko asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNL utavuga rumwe na Leta.
VI. Inzu z’Uburiro zirenga cumi na zitatu 13 hamwe n’ubunywero burenga cumi na bubiri 12, ni vyo bibanza vyugawe mu gatondo kuri uyu wa kabiri na musitanteri wa komine Muyinga, Amédée Misago. Amakuru dukura muri iyo ntara ya Muyinga, amenyesha ko yashize mu ngiro ivyari vyanditse mw’itangazo ryasohoye ku munsi wa kane w’indwi iheze. Imvo yatumye ivyo bibanza vyugarwa akaba ari isuku rike ribirangwamwo, iyugarwa ry’ivyo bibanza rikaba rigamije gukingira amagara y’abanyagihugu bahora bahagendera.