I. Abanywanyi batandatu b’umugambwe CNL muri komine Nyanza Lac, intara ya Makamba, bamaze imisi itatu mu gasho k’igipolisi muri iyo komine. Bahagaritswe n’imbonerakure, zibashikiriza igipolisi bagirizwa kugirisha inama zitemewe n’amategeko, ivyo bahakana bivuye inyuma.
II. Bamwe mu banyeshure bo mu ntara ya Gitega, komine Mutaho, baratewe umutima uhagaze n’iterabwoba bariko baragirirwa n’ababarongoye. Aho ni mu gihe kuri uyu wa gatanu, abarongoye Lycée Communal Mutaho na Lycée Communal Bigera, bategetse abanyeshure kwitaba inama y’umugambwe CNDD-FDD, yabereye mu kibanza kiberamwo amanama kubiro bijejwe indero muri komine Mutaho, ata n’umwe avuyemwo.
III. Amatora ya mbere yo mu mugambwe CNDD-FDD kunzego zo hasi, yatunganijwe muduce tutari duke tw’igihugu. No muri komine Nyabihanga, ayo matora yabaye, abanyagihugu b’aho batari mu mugambwe CNDD-FDD bakaba bababajwe n’uko bategekwa kwitaba ayo matora, hakaba n’ababwirwa baze kugurirwa inzoga hamwe bayitavye. Ikindi ngo hakozwe iterabwoba kubatayitavye. Umwe mu banyagihugu bo muri Komine Nyabihanga.
IV. N’ahandi, ayo matora yabaye nk’ahatari hake. Mu ntara ya Cibitoke naho nyene, abanyagihugu batari mu mugambwe CNDD-FDD bategekwa kuyitaba n’iterabwoba ririmwo.
V. Imyidogo ni myishi mu bigisha batari mu mugambwe CNDD-FDD Kuri Lycée Communal Muyange, muri komine Nyabihanga, n’intara ya Mwaro. Bamenyesha ko abanyeshure bariko binjizwa ku nguvu mu mbonerakure z’uwo mugambwe. Umuyobozi w’iryo shure ngo akaba abifisemwo uruhara nk’uko amakuru ava aho kuri iryo shure abivuga.
VI. Umugambwe FNL wafashe ingingo kuri uno wa gatandatu mw’ikoraniro ry’uwo mugambwe, yo guhagarika urubanza wari washingishije muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, ku bijanye n’uburenganzira bwo kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu. Jacques BIGIRIMANA, akaba ahevye ivyo kwitoza, aca ahitamwo, n’abanywanyi bose b’umugambwe FNL, kuzoha amajwi umu kandida w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE mu matora yo mu kwezi kwa gatanu.
VII. Mu kigabane Kw’Isoko, tubaganirira ku bijanye n’umugera wa Corona, dushimikira cane cane ku kungene wandukira n’ingene twowirinda.