I. Imyidogo ni myinshi mu bakukuruke bahoze bakorera Leta. Bavuga ko udufaranga bahabwa tw’abageze mu zabukuru ata co tukibamarira, kuko ibiciro vyaduze cane. Bagasaba kuronswa ivyo umukuru w’igihugu yabemereye, haraheze hafi imyaka ibiri, aho yari yabashize mu muhango avuga ko abakukuruke bazoronswa buri kwezi ayangana n’umushahara wabo wa nyuma.
II. Tukiri ku bishikirizwa n’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye aheruka guhamagarira abajejwe intwaro guhanura abanyagihugu baba bafise amatati, kudashira imbere kwihutira kuja kwitura ubutungane. Bamwe mu banyagihugu baganiriye na Radiyo Inzamba bakavuga ko ukwo kuzoba ari ukwivanga kw’igisata c’intwaro mu vy’ubutungane. Bati “noneho n’ivyahuha bigiye guhuhuka.”
III. Hari umukenyezi w’imyaka 27 wo ku musozi Munege, komine Kabarore intara ya Kayanza, apfungiwe mu gasho k’igipolisi kuva kuri uwu wa mbere inyuma y’aho afatanywe ibiro bitanu n’amagarama amajana atanu y’ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan. Bikavugwa ko umugabo w’uwo mukenyezi mu mpera z’umwaka uheze yaciriwe na sentare umunyororo w’imyaka cumi kubera yafashwe acukura ubutare atabifitiye uruhusha.
IV. Hari uruhagarara ruriko rwibonekeza mu mashure amwe amwe yo ma komine ya Gasorwe na Muyinga y’intara ya Muyinga biturutse ku bihuha bikwiragizwa n’abantu bataramenyekana. Ivyo bihuha bivuga ko, hari abantu batera inshinge abana b’abanyeshure, abahungu bakazibatera mu mukondo, abigeme na bo ku amabere. Ba musitanteri b’amakomine ya Gasorwe na Muyinga, bagahamagarira abarongoye intwaro, abavyeyi n’abakuru b’amadini guhumuriza urwaruka, kuko ivyo bintu ari ikinyoma cambaye ubusa.
V. Naho hari ishirahamwe ryitaho ukubahiriza amategeko yo gucungera ubuziranenge bw’ibidandazwa, impinga iracari ndende cane cane mu kubahiriza ibikoresho bitekera ibisumwa kw’isoko. Umuyobozi mukuru w’ikigo BBN akaba yabimenyesheje kuri uyu wa kabiri, mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru. Sévérin Sindayikengera akavuga ko arajwe ishinga n’ingene igihe ico kigo cari catanze kugira ntihagire abasubira gutekera ivyo basumye mu macupa yakoreshejwe kitagiye mu ngiro. Yongeye gutanga ikindi kiringo co gushika ku wa 30 uku kwezi kwa gatatu. Agasaba abantu bose kwitaho gukingira amagara y’abanyagihugu.