Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/04/2020

Publié le 14 avril 2020 par Rédaction

I. Inama nshingwantwaro y’ikigega mpuzamakungu FMI, yaraye ifashe ingingo yo gutezurira amadeni ibihugu bikenye gusumba ibindi kw’isi, mu ntumbero yo kugira bishobore ku rwanya no guhangana n’inkurikizi z’umugera wa corona. Mur’ivyo bihugu mirongo ibiri na bitanu (25), U Burundi bukaba butarimwo. Faustin NDIKUMANA akurikiranira hafi ibijanye n’ubutunzi mu Burundi avuga ko bitangaje, agasaba leta kwegera abarongoye ico kigega kugira babahe  insiguro, hama abarundi bayimenyeshwe.

II. Twibutse ko ivyo bihugu 25 bitezuriwe amadeni, mu gihe Emmanuel Macron arongoye igihugu c’Ubufaransa, asavye guheba burundu amadeni y’ibihugu bikenye kw’isi, icipfuzo cashimangiwe kandi na Papa Francisco wa 6, mu nkuka y’imisa yari ahejeje gusoma, ku musi wa Pasika, kugira ivyo bihugu bibashe guhangana n’umugera wa corona virus uhanze isi.

III. Imilioni zirenga zitanu z’amadolari y’abanyamerika, niyo agiye gutangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibifungurwa kw’isi, ayo mafaranga akazofasha kugaburira impunzi z’abarundi ziri mu bihugu vya Repuburika Iharanira Demokarasi ya Congo be n’Urwanda. Ikinyamakuru IGIHE cavyanditse kivuga ko ibice bigera kuri 50 kw’ijana vy’imfungurwa zizohabwa izo mpunzi, bizogurwa n’iryo shirahamwe ngo bizosumwa ku masoko y’igihugu c’Urwanda.

IV. Umugambwe MSD utangaza ko utewe impungenge n’inyifato ya Leta y’Uburundi, ku kugene iriko ihangana n’ikiza ca Corona virus, mu kudakingira bikwiye, abanyagihugu. Mw’itangazo ry’uwo mugambwe, MSD isaba amashirahamwe atandukanye adaharanira inyungu za politike, harimwo n’abihebeye Imana bumvirizwa n’abarundi benshi, ko hogira ico baterereye kugira ngo abarundi bamenye bonyene ingene bokwikingira. François Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD, avuga ko ubu leta irajwe ishinga gusa n’amatora yo muri Rusama 2020.

V. Itorwa rya Evariste Ndayishimiye kuba umu kandida w’umugambwe CNDD-FDD, riraha icizere amwe mu mashirahamwe mu gihe yotorwa kuba umukuru w’igihugu. Ariko rero Ishirahamwe «Initiatives des droits de l’homme au Burundi», ribona ko ikibazo ari uko Atari we wenyene azoba afise ububasha bwo gufata ingingo. Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, avuga ko bagize amatohoza mubegereye Evariste Ndayishimiye.

VI. Ikindi giteye amakenga ishirahamwe « Initiative des droits de l’homme au Burundi », nkuko amatohoza bakoze avyerekana n’uko hashobora kwaduka ukutumvikana hagati ya Evariste na Petero Nkurunziza. Uko kutumvikana koba kuvuye ko uwo Petero Nkurunziza yashaka ko ashirwa imbere mu matora, atariwe yashizwe imbere, mugihe we yashaka ko ari Pascal Nyabenda yitoza.

VII. International Crisis Group mu cegeranyo cayo irerekana ko naho reta y’Uburundi ivuga ko mu Burundi harangwa impore inyuma yaho hadukiye intureka zo mu mwaka 2015, mu Burundi hari ingorane nyinshi. Iryo shirahamwe rimenyesha ko imbonerakure zigitoteza abantu batavuga rumwe na reta, amashirahamwe nayo adaharanira inyugu za politike ata bwigenge agira.

VIII. Rwasa Agathon arongoye umugambwe CNL amenyesha ko ukutihanganiranira muri politike vyarenze urugero. Akaba avugako abanywanyi biwe babandanya guhohoterwa, abajewe intwaro ubutungane be n’umutekano barorera. Agasaba ko bihagarara.

IX. Abakozi barafise uburenganzira bwo guhagarika akazi, igihe cose bafitaniye ingorane n’umukoresha. Ni mu gihe baba bashaka ko umukoresha atora umuti w’ibibazo bafise. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier BIGIRIMANA. Kubwiwe, ngo ingingo yo kwirukana abakozi yafashwe n’ishirahamwe AFRITEXTILE iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, hamwe n’igitabo c’amategeko agenga ivy’akazi mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi