I. Umunywanyi w’umugambwe CNL yarakomeretse cane kuri uno wa gatatu bivuye ku mishamirano, iturutse ku kutihanganiranira muri politike hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD. Ivyo vyabereye ku mutumba wa Murengeza wa komine Mpanda, mu ntara ya Bubanza. Amakuru atangwa n’uwurongoye uwo mutumba, avuga ko vyose vyazananye mu matora ya comité ikorana n’ivuriro ry’aho ku Mpanda, amatora aba CNL baneguye ko yaranzwe n’amahinyu imbere yo gusaba ko asubirwamwo. Uko kudahuza niko kwahavuye kuvamwo gukubagurana n’abajejwe intwaro ku mutumba, mu nyuma urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD zizamwo, ari naho baca batana mu mitwe. Vyagiye gucureha ari uko igipolisi gisutsemwo mabisi, mu kurasa hejuru kugira bashwiragize urwo rwaruka. Abantu batatu bo mu mugambwe CNL bahavuye bafatwa ku mvo z’amatohoza nk’uko ayo makuru avyemeza.
II. Abantu bashika 10 nibo bamaze kuribwa n’imbwa zisara ku mutumba wa Kibogoye muri komine n’intara ya Muyinga, kuva ku musi wa kabiri w’ino ndwi, nk’uko amakuru ava kuri uwo mutumba abimenyesha. Abanyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba kuko babona atakiriko kirakorwa kugira ngo izo mbwa ntizibandanye zikora ibara. Umwe mu banyagihugu baba kuri uwo mutumba, akaba amenyesha ko batazi neza iyo izo mbwa ziva, ngo kuko Atari izaho kuri uwo mutumba wa Kibogoye. Bagasaba abajejwe intwaro kuri uwo mutumba gukora ibishoboka kugira ngo izo mbwa zihigwe, zivanwe mu banyagihugu. Abakomeretse nabo ngo ni bafashwe kuvuzwa kuko imiti ikinga ibisazi vy’imbwa igurwa amahera menshi.
III. Ishirahamwe ridandaza igitoro Interpetrol riratewe amakenga n’igitoro ritanga ku ma station ariko n’ubu ntikiboneke ku bacipfuza. Willy Nderagakura, umuyobozi ajejwe ubudandaji muri iryo shirahamwe, yemezako ku munsi ku munsi Interpetrol isohora ama litiro ibihumbi 350 vya essence, mu ma stations arenga 110 mu gihugu cose. Willy Nderagakura yabivugiye kuri television y’Uburundi RTNB kuri uyu wa gatatu.
IV. Ikena ry’amafranga y’agaciro, amashirahamwe make akorera mu gisata c’ibitoro ni bimwe mu bituma hama hibonekeza ubukene bw’ibitoro mu Burundi. Ivyo bivugwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Ni inyuma yaho haheze ukwezi kurenga ata bitoro biri mu gihugu.
V. Leta yari ikwiye gushiraho umugwi w’abahinga wigenga kandi wamaho wo kwiga ico kibazo c’ibitoro. Ikindi mu nyishu z’ico kibazo n’ukwo honshingwa ikigega ntegabizoza n’imiburiburi comara amezi atandatu.
VI. Biramaze kugaragara ko amashirahamwe yigenga arenga amategeko agenga itangwa ry’amatagisi mu kigo OBR. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane na Stanislas Ngendakumana avugira ikigo OBR, hari mu kiganiro yagiranye n’abaserukira ayo mashirahamwe, kugira ngo bamenyeshwe amategeko ajanye n’itangwa ry’amatagisi ya OBR. Avuga ko ayo makosa yibonekeza cane cane iyo amashirahamwe yasozereye ibikorwa vyayo.
VII. Imiryango irenga 30 yateshejwe izayo biturutse kw’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika ku mitumba ya Kanyenkoko na centre urbain muri komine n’intara ya Rumonge, ibayeho mu buzima bubi. Basigura ko bafise amakenga ko bashobora kwandura indwara zifatiye kw’isuku rike. Bagasaba ko bogarukirwako. Basaba kwimurirwa mu kindi kibanza, kugira ngo baronswe aho baba mu miryango. Buramatari wa Rumonge avuga ko vuba bazokwimurirwa mu kindi kibanza camaze kuboneka.
VIII. Barasaba abarongoye indero muri komine Gihanga kubaronsa agashirukabute kabo. Abo nabo ni abigisha b’abakutsakivi bita aba volontaires bo muri komine Gihanga y’intara ya Bubanza. Bavuga ko ikibazo co kuronka agashirukabute kabo catanguye kubaho kuva aho abarongoye komine n’abarongoye indero muri komine bafatiye ico kibazo mu minwe. Imbere yaho amashure yari afise abakutsakivi baronswa agashirukabute katanzwe n’abavyeyi kandi vyagenda neza.