Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/04/2023

Publié le 14 avril 2023 par Rédaction
I. Umugambwe CNL wakiriye nabi ingingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ibuza ibikorwa vy’ikoraniro ridasanzwe ry’uwo mugambwe ryari ritegekanijwe ku mutaga w’uyu wa gatanu. Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL asigura ko bahamagawe kuri telefone ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, bamenyeshwa ko mu rwandiko barungikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bamumenyesha ico gikorwa, ko rwarimwo amakosa, ivyo Rwasa Agathon abonamwo gukoresha igikenye mu kubaburabuza.
II. Imyidogo ni yose mu banywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, bo muri komine Giharo mu ntara ya Rutana. Imvo nyamukuru n’urwaruka rw’imbonerakure rukomoka ku mugambwe CNDD-FDD ruriko rutoza intererano kuri abo banywanyi, cane cane abo mu mugambwe CNL, mu ntumbero yo gutegura umunsi mukuru w’umugambwe CNDD-FDD utegekanijwe kw’igenekerezo rya 22 za kuno kwezi. Abanywanyi b’umugambwe CNL bakavuga ko ako ari akarenganyo.
III. Umunyabigega wa komine Giharo intara ya Rutana, hamwe n’uwurongoye abegeranya ama tagisi muri zone Giharo, bari mw’ibohero rikuru rya Rutana kuva kuri uyu wa kane. Abo bakozi ba komine Giharo bagirizwa kunyuruza amafranga agera kuri miliyoni 80. Ayo mafranga ngo yaratozwa ariko ntajanwe kuri konte ya komine aho yagenewe kuja.
IV. Umugambwe CNDD-FDD ngo utegerezwa kuvaho, ariko biciye mu matora. Ico n’icipfuzo c’umuhari MAP Burundi Buhire. Uwo muhari ukaba waramutse uhimbaza kuri uyu wa gatanu isabukuru rigira kane ubayeho. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’uwo muhari, mu kwerekana ibibazo bihanze igihugu uno musi, avuga ko yizeye ko abarundi bose bazobona ko impinduka ikenewe.
V. Inyuma y’ivyashikirijwe n’umugwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi, CVR, kw’igandagurwa ry’umwami Charles Ndizeye ari we Ntare wa 5, abatari bake babandanya kugira ico babivugako. Umwanditsi w’umurundi Novat Nintunze amenyesha ko ivyavuzwe ko Charles Ndizeye ari we wa mbere yagandaguwe mu ndyane zo mu 1972, ko ari ibinyoma. Ku bwiwe, Pierre Claver Ndayicariye arongoye CVR ngo ashaka kwereka abarundi ko ubwicanyi bwo mu 1972 bwari bwarateguwe imyaka imbere.
VI. Hari umukenyezi asanzwe ari umupfakazi apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Ngozi kuva kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 z’uku kwezi kwa Ndamukiza. Amakuru ava ngaho i Ngozi, akavuga ko uwo mupfakazi apfunzwe kw’itegeko rya musitanteri wa komine Ngozi, Joseph Martin Bucumi, amuziza kutabagara umurima wiwe w’umuceri. Ababanyi bakavuga ko ata kuntu yari kuwubagara kuko yahora mu bitaro, kandi ko asanzwe areze impfuvyi.
VII. Ntunzwenayo Alexis aturuka mu mugambwe CNDD-FDD ni we ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, ahejeje gutorwa ngo arongore komine Nyamurenza yo mu ntara ya Ngozi. Akaba yatowe ku majwi 17 kuri 22. Ni mu gihe yahiganwa na mugenziwe Augustin Mugusha ava mu mugambwe CNL, we yaronse amajwi atanu. Alexis Ntunzwenayo akaba aje gusubirira Césarie Nizigiyimana, na we nyene wo mu mugamvwe CNDD-FDD, yaheruka gukurwa igenekerezo rya 2, ukwezi kwa Ntwarante, yagirizwa n’umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu, kuba yaranzwe n’inyifato itabereye indongozi. Alexis Ntunzwenayo akaba azotangura kurongora iyo komine igihe umukuru w’igihugu azosohora itegeko rimwemeza ko ari we musitanteri w’iyo komine.
VIII. Umupfasoni Zena Bigirimana, ni we yatowe mu matora ya musitanteri mushasha wa komine Tangara yabaye kuri uwu wa gatanu. Mu gihe uwo mupfasoni yokwemezwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu, azoca asubirira Salvator Hanyagamagara, yahagaritswe muri ayo mabanga hari haciye hafi amezi arenga atanu, aho yahagaritswe yikekwa ko yoba ari mu banyuruje amatoni y’ibigori yari yegeranijwe n’ikigo ANAGESSA muri iyo komine. Mukamenya ko muri iyo ntara ya Ngozi, hamaze gukurwa abasitanteri 3. Abo na bo ni abo mu ma komine ya Kiremba, Tangara na Nyamurenza.

Ibindi bisa n'ibi