Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/05/2022

Publié le 14 mai 2022 par Rédaction
I. Imyaka indwi irarumanye ibimenyeshamakuru bine vyigenga bituriwe mu Burundi, hari kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2015. Ivyo bikaba vyakozwe n’inzego za leta inyuma y’aho ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza buhatswe gutembagazwa n’abasirikare. Innocent Muhozi arongoye Television Renaissance imwe mu bimenyeshamakuru vyaturiwe, asigura ko ubutungane ataco bwigeze bukora kuko ivyo bimenyeshamakuru vyaturiwe n’ubutegetsi. Naho biri ukwo, abamenyeshamakuru bahunze igihugu bahora bakora muri ivyo bimenyeshamakuru, baragerageza gutanga amakuru ku bijanye n’amabi akorwa mu gihugu.
II. Amatohoza yaratanguye inyuma y’igitero cakozwe n’intagondwa za El-Shabab ku kirindiro c’abasirikare bo muri bataillon ya 61 ya ATMIS iherereye mu karere ka Ceel Baraf, mu gihugu ca Somaliya. Inkuru ziva mu basirikare, zivuga ko intwazangabo y’ipete rya Major Emmanuel Nimbona batazira Kibosi yari icegera c’uwutwara ibataillon, aramaze kumvirizwa muri ino ndwi turiko turasozera, n’uwurongoye inteko z’Uburundi. Yagirizwa kuba yarataye bagenziwe mu kaga mu kubatana urugamba, ari kumwe n’igice kinini c’abasirikare bari kuri ico kirindiro.
III. Imyidogo ni myinshi mu bakora umwuga wo kwunguruza abantu bakoresha amakinga basanzwe bakorera mu ntara ya Rumonge. Ni mu gihe buramatari w’iyo ntara yatanze itegeko ko bagiye gutozwa amafranga ibihumbi bitanu, kuri uwo wese akora uwo mwuga. Ayo mafranga ngo n’ayo kwubaka inyubakwa y’ibiro vy’iyo ntara. Iyo ngingo ya buramatari bakaba bayamirira kure ngo kuko bari bamaze gutanga amafranga atari make, kandi ntibamenye ico akora.
IV. Umukuru w’umutumba Caratsi, komine Kabarore n’intara ya Kayanza yarahagaritswe kuri uwu wa gatanu mu mabanga y’ukurongora uwo mutumba, na musitanteri w’iyo komine Berchmans Nsaguye. Akamwagiriza kudashira mu ngiro ivyo aba yamutegetse gukora. Yagirizwa kandi no kunyuruza amahera ya koperative Sangwe asanzwe arongoye.
V. Hari ubukene bw’amazi mw’ikambi y’impunzi y’i Dzaleka mu gihugu ca Malawi. Impunzi ziba muri yo harimwo n’abarundi, zivuga ko bamaze umwaka urenga bafise ikibazo co kuronka amazi meza. Mu ma zone amwe amwe, amabombo yarugawe. Ivyo bigatuma amagara y’abana babo abangamirwa, bagasaba HCR gutorera inyishu ico kibazo.
VI. Francine Niyonsaba yaraye atsinze mw’ihiganwa Diamond League, i Doha mu gihugu ca Qatar. Ku metero 3000, ni we yabaye uwa mbere, ahirutse umwanya ungana n’iminota 8 amasegonda 37 n’ibice 70.
VII. Ikigabane Kw’isôko c’uno munsi, kidushikana mw’ikambi y’impunzi ya Nakivale, ni mu gihugu ca Ouganda. Iyo kambi irabandanya kwakira abarundi bahunze, nk’ukwo babivuga, amabi atandukanye bakorerwa n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD.

Ibindi bisa n'ibi