I. Imyaka itanu n’ihadabu ry’umuliyoni n’ibimbi 400 nico gihano sentare isubiramwo imanza ya Makamba, yahanishishije abantu harimwo abatware 13 kuri 16 bagirizwa kuba baranyaze bongera barica abarundi baja guca ingero mu gihugu ca Tanzaniya, abandi batatu bejejwe.
II. Haraye hafashwe ingingo yo kubomora amazu y’abahungutse bari mw’ikambi y’i Nyarugusu, mu gihugu ca Tanzaniy,a maze abahora baca bimukira mu mazu y’abahungutse nabo nyene bagashirwa ku rutonde rw’abahungurwa. Impunzi zaho i Nyarugusu zigasaba ko zokubahirizwa hagahunguka abavyifuza bonyene.
III. Ivyo biriko bikorerwa impunzi z’abarundi bo mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, vyerekana urwanko leta y’ico gihugu ifitiye impunzi z’abarundi, ibikurikiye ihohoterwa ry’izo mpunzi zidasiba kunyuruzwa. Ivyo bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi CBDH/ VICAR. Asaba ishirahamwe HCR, n’amakungu guhagurukira ico gihugu ca Tanzaniya citwa ko cateye umukono ku masezerano mpuzamakungu yubahiriza impunzi.
IV. Imvugo ya Petero Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi ngo si imvugo y’umupolisi ahubwo ni imvugo ya politike y’umuntu ashaka kunezereza uwo avugira. Ni umwihwezo wa Pacifique Nininahazwe, aho asigura ko imvugo ikwiye kuranga umupolisi atari iyo gutyoza, ko ahubwo akwiye kwama na ntaryo avuga ivyavuye mu matohoza. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, akaba yafatiye ku majambo aheruka gushikiriza yifatira mu gahanga igihugu c’Urwanda, ngo nico cagandaguye mu myaka iheze intwazangabo zishwe izuba riva mu gisagara ca Bujumbura.
V. Imyidogo ni myinshi mu bakozi b’ihinguriro ry’impuzu Afritextile bivuye kw’inyuruzwa ry’amafaranga y’ingurane 200.000 ku mukozi umwe umwe, bahawe n’umuyobozi mukuru Taluk Bashir. Abo bakozi bemeza ko ayo mafaranga yaragenewe abakozi bato bato bababa 400, yaciye agabanganywa hagati y’indongozi zo hejuru muri iryo hinguriro.
VI. Ibivugwa ko igihugu c’Uburusiya catoye urucanco rw’ikiza Coronavirus ngo ntawoshoka avyemeza kuko bisaba ubuhinga n’amageragezwa menshi kugira urukingo rw’indwara rwemezwe. Bivugwa na Côme Konakuze, umuhinga mu bushakashatsi bw’indwara zandukira ku migabane yo munsi y’ubugaragwa bwa Sahara. Côme Konakuze avuga y’uko urwego ruraba ivy’amagara y’abantu kw’isi, rubanza kuvyiga ko urwo rucanco ata ngaruka mbi rushobora kugira ku magara y’abantu, kandi ko ibirukoze ata ngorane bishobora gutera.
VII. Umuhinga Côme Konakuze avuga kandi ko hari iyindi nzira ibihugu bishobora gucamwo bidaciye muri OMS. Iyo nzira avugako bayicamwo mu kurungika abahinga babo mu gisata c’amagara y’abantu bagasuzuma, maze bagaheza bagakoresha mwene urwo rucanco mu gucandaga abantu.
VIII. Itegeko ryo gutorera ku mutumba canke karitiye ubamwo rizotuma amajwi menshi aba impfagusa. Ni mu gihe, henshi, amashure ariyo bafashe nk’ibiro vy’amatora kandi nayo atubatswe ku rugero rumwe n’ama karitiye. Ivyo bikazotuma abavuye mu ma karitiye atandukanye, baja gutorera aho bataba. Abanyagihugu bagasaba umurwi CENI, kwitwararika ico kibazo na burya hagisigay’iminsi mike ngo amatora abe. Uyu munyagihugu abishikiriza afatiye ku karorero ka zone Ngagara, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.
IX. Abanyeshure bane ba kaminuza y’Uburundi mu gisata cigisha ubuhinga bwo kworora no kurima ISA, bari bamaze imisi itanu bapfungiwe mu gasho k’igipolisi mu ntara ya Gitega, baraye barekuwe. Aho ni inyuma y’aho bagenzi babo bavuga ko ataco bariko barazira, kiretse umukeko kuko bari badodoberejwe na bamwe mu banyeshure b’imbonerakure. Abo banyeshure bafahswe ari ukwo bariko basaba kuronswa agafashanyo kabo k’amezi atandatu. Abarongoye ico gisata ca Kaminuza y’Uburundi n’ubu ntibaratanga umuco ku bijanye n’ipfungwa ry’abo banyeshure.