Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/08/2021

Publié le 14 août 2021 par Rédaction
I. Ishirahamwe FOCODE mw’itangazo ryaraye risohoye rigereranya uruzi Rusizi nk’ahantu hahinduwe amacuniro y’abantu. Ubwicanyi aha nini bukorwa n’abakozi b’iperereza, iperereza rya gisirikare hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure bivugwa ko rucungereye uruzi Rusizi. FOCODE ivuga ko mu myaka ibiri gusa aho ku ruzi Rusizi cane cane mu ma komine ya Buganda na Rugombo mu ntara ya Cibitoke, hatowe ibiziga 72. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, ivyo vyerekana ko ata kintu cahindutse mu bijanye no gusinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi.
II. Kubera uko ivy’agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi, FOCODE isaba ko ikiringo c’umugwi wa ONU ugira amatohoza ku Burundi cokongerezwa, kuko ata bantu mu bakora amatohoza yigenga bariho mu Burundi. Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE.
III. Abanywanyi batatu b’umugambwe CNL baraye mu gasho ka zone Gatabo muri komine Kayogoro, intara ya Makamba. Kuri uyu wa gatanu, niho abo banywanyi ba CNL bafatwa n’umuhanuzi wa musitanteri wa komine Kayogoro ajejwe intwaro n’imibano, abasanze mu ngoro y’umugambwe CNL aho muri zone Gatabo.
IV. Hari umuntu yafashwe n’abapolisi bafadikanije n’abanyagihugu bo ku mutumba Kirengane muri komine Rugazi intara ya Bubanza, hari kuri uyu wa gatanu ku mugoroba, aca aja gufungirwa mu gasho k’inyamiramabi ku Muzinda. Uwo mugabo yagirizwa kuba yateye inda umwana w’umunyeshure wo kuri uwo mutumba, nk’ukwo ababanyi babivuga. Abaharanira agateka k’abana bagasaba ko uwo mugabo yohanwa hisunzwe amategeko hamwe yokwagirwa n’icaha. Mu ntwaro no mu gipolisi bashikiriza ko amatohoza yatanguye.
V. Umugwizatunga Hakizimana Prosper batazira Gisiga yafunzwe yagirizwa kudandaza ibiyovyabwenge, yararekuwe n’ubutungane abanje gutanga ingwati y’imiriyoni zirenga amajana indwi y’amafaranga y’amarundi. Muri kino gihe amakuru Radiyo Inzamba ifise, n’ukwo atakiri mu Burundi. Umushingwamanza Janvier Bigirimana amenyesha ko igitabo mpanavyaha kibitegekanya, ariko akamenyesha ko kubona yidegemvya ari uko amategeko yahonyanzwe, kuko mu kurekurwa vyanditse neza ko atategerezwa kurenga imbibe z’Uburundi. Me Janvier Bigirimana.
VI. Haribonekeza ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence mu Ntara ya Muyinga,  guhera mu ndwi iheze. Amakuru avayo avuga ko hashobora guhera imisi ibiri  canke itatu  ata n’ima rimwe  ribonetse  ku ma stations  atanu  yakira akongera akadandaza ibitoro, aho ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga. Inkurikizi mbi rero zifatiye ku bukene bwa essence zikaba ziriko ziribonekeza, aho abunguruza abantu bamwe bamwe baciye baduza igiciro c’i ticket uko bishakiye.
VII. Umugambwe w’abadasigana UPRONA  wemewe na leta kuva kuri uyu  wa gatandatu, uramutswa abawurongoye bashasha. Mw’ikoraniro kaminuza ryabereye ku ngoro y’uwo mugambwe ku mugumya i Bujumbura, uwitwa Olivier Nkurunziza akaba ariwe yatowe ngo arongore umugambwe, asubiriye uwitwa Abel Gashatsi, yahejeje ikiringo gitegekanywa n’amategeko muri UPRONA.
VIII. Mu kiganiro Kw’isoko, uno musi tuvugana n’abarimyi b’icayi mu gihe leta yaraye ibongereje amafaranga 30 ku yo baronka ku kiro c’amababi y’icayi.

Ibindi bisa n'ibi