I. Amafranga imiliyaridi 700 abuze ku yategekanijwe gukoreshwa na leta mu kiringo c’umwaka wa 2023 ushira uwa 2024, azova aha nini mu ma deni yo hagati mu gihugu, hakaba harimwo amatagisi n’amakori nk’uko bitegekanijwe. Umuhinga mu vyerekeye ivy’ubutunzi Gilbert Niyongabo avuga ko ivyo vyumvikana, ariko akabona ko ayo matagisi yadugijwe ku rugero runini, uravye ubukene abanyagihugu barimwo. Ivyo yabivuze kuri uno wa mbere, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ishirahamwe OLUCOME ryatunganije ku bijanye n’aho ayo mafranga ashika imiliyaridi ibihumbi bine z’amarundi leta itegekanya gukoresha umwaka wose azova.
II. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME wewe abona ko ayo matagisi atadugijwe vyonyene, ahubwo ngo ikibabaje cane n’uko atangwa n’abantu bato bato gusa.
III. Imyaka cumi iraheze habaye inama rukokoma yerekeye ubutungane, ariko gushika ubu ntakirahinduka muri ico gisata. Ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umuyobozi w’ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi guhindura ingendo. Ni mu gihe iyo nama yabaye mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatatu yari ifise intumbero yo guhindura ibintu mu gisata c’ubutungane, kugira bwigenge bukemerwa nk’ubutegetsi bugira gatatu. Faustin Ndikumana amenyesha ko nyabuna ibintu vyunyutse, aho n’umukuru w’igihugu abandanya yidogera ubutungane.
IV. Faustin Ndikumana arongera agasaba ko hosubira gukorwa iyindi nama rukokoma yerekeye ubutungane, kugira barabire hamwe icatumye ivyo bumvikanye bidashirwa mu ngiro.
V. Hibonekeza ubukene bw’isukari yo mw’ihinguriro SOSUMO mu ma komine yose agize intara ya Makamba, haraheze hafi ukwezi. Abadandaza bato bato bagirizwa kuba bayinyegeza kugira bayiduze igiciro. Abarongoye Imbonerakure muri iyo ntara bamaze imisi basakwa n’igipolisi, bagirizwa kuba bari mu bayinyegeza.
VI. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arakwiye ubwiwe kwitaho ikibazo c’umutekano muke urangwa mu mpunzi z’abarundi baba muri Tanzaniya, mu gushaka kubatahukana ku nguvu. Ivyo bikaba bikorwa na bamwe mu bari muri leta ya Tanzaniya bafadikanije na bamwe mu bari muri leta y’Uburundi. Ivyo bikaba biri mw’ikete urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi mu makambi CBDH-VICAR, rwarungikiye umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres rumwibutsa ko urwego rwa ONU rufise uruhara rukomeye mw’iyubahirizwa ry’agateka ka muntu. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, akaba anegura ingene hari bamwe mu bakozi ba HCR batungwa urutoke kuba bari mu bakorera iterabwoba izo mpunzi.
VII. Mu makuru y’inkino, tugaruka ku rukino rwahuje abamenyeshamakuru b’inkino bo mu Burundi n’abo mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Muri Handball naho, abakinyi 10 bari bagiye guserukira Uburundi mu nkino z’igikombe c’isi yose mu batarenza imyaka 19 ntawuzi irengero ryabo, kuva ku munsi wa kabiri. Turaca ku mayange n’ayavugwa muri volleyball na karaté.