Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/09/2020

Publié le 14 septembre 2020 par Rédaction

I. Kuri uyu w’Imana harabaye ingwano mu ma komine ya Bugarama na Burambi yo mu ntara ya Rumonge, intambara zahitanye abantu batatu. Amakuru ava muri ayo ma komine y’intara ya Rumonge, avugako ibiziga vy’abo bantu vyabonetse inyuma y’ingwano yahuje abasirikare n’umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho. Amakuru ava mu gipolisi akavuga ko abo bapfuye, ari bamwe mu bagwanyi bari bateye.

II. Abantu barenga 40 ni bo bamaze guhitanwa n’ingwano zimaze hafi ukwezi, hagati y’imigwi yitwaje ibigwanisho n’inzego z’igihugu, ingwano zivugwa mu ntara za Rumonge, Bujumbura, Bubanza na Kayanza. Abanyagihugu bo muri izo ntara basaba ko umutekano wokwongerezwa.

III. Imyidogo ni myinshi mu basirikare bamwe bamwe b’igihugu muri iki gihe havugwa ibitero vy’abantu bitwaje ibigwanisho mu Burundi. Abo basirikare bababazwa n’amategeko bahabwa n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD mu gihe baba bageze ku rugamba. Umwe mu ntwanzagabo z’Uburundi yaganiriye na Radio Inzamba, asaba ashimitse bagenziwe gukoresha ubwenge bafise n’ubuhinga bize, kugira bamenye uko bagwanya umwansi batabanje kuba ibikoresho vy’umugambwe CNND-FDD, mu kugwanya umwansi batazi.

IV. Abariko bararwana bahamagarirwa kwubaha ubuzima bw’abanyagihugu badafise uruhara mu mishamirano, nkuko amategeko mpuzamakungu agenga inyifato yo ku rubuga rw’intambara abivuga. Nk’uko bisigurwa n’umushingwamanza Janvier BIGIRIMANA, abanyagihugu nta nguvu baba bafise. Mu gihe baba bahohotewe n’impande zigwana, bikurikiranwa n’amategeko mpuzamakungu ahana ivyaha vyo mu ntambara.

V. Hari umupolisi azwi kw’izina rya KAJEKAREMEGWA Augustin afise ipete rya APC (Agent de police chef) n’inomero y’akazi 12.600 asanzwe akorera ku cicaro ca komisariya y’intara ya Muyinga, yirashe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana rishira uwa mbere, amasasu abiri mu nda ashaka kwiyahura, inyuma y’ugushaka kugirira nabi mugenziwe w’umwigeme, Caporal Kamariza Justine basanzwe bakorana. Amakuru ava aho i Muyinga, yemezako abo bapolisi 2 bari bamye batongana kuva isaha imwe y’ijoro, ariko imvo y’ayo matati ikaba itagiye ahabona. Buri mu guca, niho  APC KAJEKAREMERWA yavyuka akaja iyo uwo mugenziwe aryamye kugira amugandagure Imana irakinga, kuko Justine ngo yaciye ava mu nzu yararyamyemwo arahunga. APC KAJEKAREMERWA yaciye ajanwa kuvurigwa mu bitaro biri ku mugwa mukuru w’iyo ntara ya Muyinga.

VI. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibifungurwa kw’isi PAM, kuri uyu wa gatandatu, ryaratanze imfashanyo igizwe n’imfungurwa ku mpunzi zo mw’ikambi y’i Mulongwe mu gihugu ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo. Izo mpunzi zirashimishwa n’iyo mfashanyo ije inyuma y’amezi indwi yaraheze, zitayironswa.

VII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa mbere iminsi 329 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu, yiyamirije.

Ibindi bisa n'ibi