Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/09/2023

Publié le 14 septembre 2023 par Rédaction
I. Umucamanza azwi kw’izina rya Léonard Nizigiyimana wa Sentare ya Bururi asanzwe apfungiwe mw’ibohero rya Rumonge, ariko araterwa ubwoba n’abapfungwa basanganywe muri iryo bohero. Uyo mucamanza akaba apfunzwe hamwe n’abandi bagenziwe babiri, bapfunzwe bagirizwa ko baciye urubanza rwo kurekura abantu bagirizwa gukora ubwicanyi mu ntara ya Bururi hakoreshejwe imipanga. Ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT Burundi rikaba ritewe umutima uhagaze n’ako gatotezo ariko aragirirwa. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa muri ACAT agasaba abajejwe ibohero gukingira umutekano w’uwo mucamanza.
II. Ukutitaho akazi uko bitegerezwa ku bayobozi b’indero mu ma komine, n’ubukene bw’ibitabo n’intebe, ni zimwe mu ntambamyi zazingamitse umwimbu w’umwaka w’ishure wa 2022 ushira uwa 2023 mu ntara ya Muyinga. Ivyo ni ivyashikirijwe na Blaise Pascal  Misago, arongoye indero mu ntara ya Muyinga, mu nama yagiranye n’abo bafashanya muri ico gista, hari ku musi wa gatatu mu nama yo kurabira hamwe ingene umwaka w’ishure uheze wagenze, be no gutegura umwaka w’ishure mushasha.
III. Sendika y’abakozi bakora mu gisata c’amagara y’abantu SYNAPES irarajwe ishinga n’ikibazo c’abaganga baguma bagenda ku bwinshi, baja kurondera akazi mu mahanga kubera agashahara gato. Mu kiganiro iyo sendika yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane, yateye akamo leta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira ngo ikure mu nzira ico kibazo c’abaganga, mu gushiraho politike ibereye ijanye n’imishahara. Sendika SYNAPES isigura ko ubukene bw’abaganga bugira ingaruka mbi ku vyerekeye amagara y’abantu. Muganga Vincent Ndayizigamiye arongoye sendika SYNAPES.
IV. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo ku mutumba Karagara muri komine n’intara ya Rumonge. Abo banyagihugu bidoga bavuga amatongo yabo ariko arimbwamwo kariyeri yo gushiramwo ibarabara rya Rumonge-Nyanza Lac, bazohava bahabwa umuzibukiro udakwiye, kuko abakozi b’ikigo ARB cimba iyo kariyeri bandika ama metero bimvyemwo iyo kariyeri bandika imetero zitari zo. Ngo hagize uwubaza, bamwishura ko bashobora no kuyitwara ku buntu. Abo banyagihugu basaba kwandikirwa imetero zihwanye n’aho bacukuye, gurtyo umuzibukiro wabo ntuze uhave ugabanywa.

Ibindi bisa n'ibi