Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/10/2022

Publié le 14 octobre 2022 par Rédaction
I. Impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya zitegerezwa gutahukanwa mu gihugu cabo. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, mu nama igira 23 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iriko ibera i Genève mu gihugu ca Suisse, inama yatanguye kuri uyu wa kabiri ikaza gusozerwa kuri uyu wa gatanu. Avuga ko ivyo vyumvikanywe ko n’impande zitatu, ari zo igihugu c’Uburundi, Tanzaniya n’igisata giserukira HCR muri Tanzaniya. Ivyo bikaba vyiyamirizwa n’urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’ak’impunzi ziri mu makambi CBDH-VICAR. Urwo runani ruvuga ko hataragera ko impunzi zitahukanwa ku nguvu, kuko agateka ka zina muntu mu Burundi kaguma gahungabana.
II. Abasirikare b’Uburundi baridoga ko bamaze imyaka irenga itanu bataronswa ibikoresho vya gisirikare, birimwo imyambaro y’impuzu n’ibindi bijanye. Ivyo biri uko mu gihe mu mategeko bategerezwa kuronswa bishasha uko haheze amezi atatu kuri bimwe, ku bindi amezi atandatu. Ikindi bavuga n’ukwo bahembwa n’agashahara k’intica ntikize. Basaba kuronswa ivyo bikoresho no guhabwa umushahara ubereye umuntu ajejwe gucungera umutekano n’imbibe z’igihugu.
III. Ngo ni intambwe nziza ko ubunyonyezi bwabaye mu biro bikuru vya gisirikare c’Uburundi bwashizwe imbere y’ubutungane. Ivyo birashimwa n’umusesanguzi mu bijanye na gisirikare Gratien Rukindikiza. Asigura ko igisata kijejwe ivy’imishahara mu gisirikare cogwiza ivyo gusuzuma ukwo amafaranga yakoreshejwe, ivyo bita audit mu gifaransa, kugira hamenyekane aho ubusuma buba bwabereye muri urwo rwego. Twibutse ko amafranga ari hagati y’umuriyaridi umwe na zibiri z’amarundi ari yo yoba yaranyurujwe mu biro bikuru vya gisirikare c’Uburundi. Amatohoza ariko arakorwa kugira hamenyekane abafise uruhara muri ubwo bunyonyezi, abasirikare barenga 60 akaba ari bo bapfunzwe muri iyo dossier.
IV. Abantu batatu harimwo n’intwazangabo mu gisirikare bari mu minwe y’ubutungane kuva kuri uwu wa kane. Intandaro y’ifatwa ry’abo bantu, rikaba ryaturutse ku gutoroka kw’umukenyezi asanzwe aserukira ishirahamwe Kayanza international joe specialty coffee mu gihe yari azanywe mu gisagara ca Kayanza, akuwe mu gisagara ca Bujumbura, kugira asigure icatumye adahemba abarimyi b’ikawa bashoreye kw’itonorero rya Nyarurambi muri komine Butaganzwa. Uwo mukenyezi aracaronderwa, abajejwe intwaro mu Kayanza bakavuga ko abo bantu bazorekurwa ari uko uwo mukenyezi abonetse.
V. Umwana w’imyaka icenda wo ku mutumba Kinyota uri mu ntara ya Muyinga yaraye atawe mu kazu kasugumwe, n’umugabo yarajejwe indero kw’ishure ryisumbuye rya komine Muyinga. Nk’uko amakuru ava mu bajejwe intwaro kuri uwo mutumba abivuga, uyo yagirizwa ico caha akaba ari mu minwe y’inyamiramabi kuva ku munsi wa kane, mu ntumbero yo kumugirako amatohoza. Umuvyeyi w’uwo mwana yaraye ahatswe kugandagurwa, agasaba inyamiramabi gukora amatohoza akwiye kugirango uwukekwako ico caha ashengezwe mu butungane.
VI. Abavyeyi barereye kw’ishure ryisumbuye ry’akarorero rya Makamba hamwe n’abarerwa bariruhutsa, inyuma yaho imbonerakure zari zimaze amezi arenga 5 zihakorera imyimenyerezo ya gisirikare, zihavuye.  Haraheze indwi irenga izo mbonerakure zimuriwe ku kibuga c’umupira citiriwe umuhisi Petero Nkurunziza.
VII. Imigwi y’Urunani na Dynamo ni yo yaraye ironse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe Intwari. Urunani rwatsinze rworohewe umugwi wa Brothers wo mu Cankuzo ku manota 103 kuri 61, ni urukino Malick Ngezahayo yasubiriye kwerekana ko ari we nkingi y’Urunani kuko muri ayo manota yose yatsinze wenyene 27, agema incuro 5 zose amanota atatu, na yo kizigenza w’Urunani Landry Ndikumana atsinda amanota 21. Ni mu gihe ku ruhande rwa Brothers team, umukinyi Nobel yatsinze amanota 16. Mu rukino rugira kabiri rwahuje Dynamo na Remesha, Dynamo yatsinze amanota 66 kuri 62. Mamadou Dioumé wa Dynamo aturuka mu gihugu ca Sénégal akaba muri bino bihe biboneka ko yamaze kumenyerana na bagenzi we, kuko yatsinze amanota 16.  Ku ruhande rwa Remesha, umukinyi Eddy Bakajika yatsinze amanota 22 wenyene. Imigwi ya Dynamo n’Urunani ni yo izoca ikina ku munsi wa gatanu w’indwi iza urukino rwa nyuma ari rwo finale y’igikombe kigira 6 c’ihiganwa ryitiriwe Intwari. N’igikombe Dynamo imaze gutwara 3, Urunani 2. Mu nkino 10 ziheruka guhuza iyo migwi, Urunani rwatsinze Dynamo incuro 9.

Ibindi bisa n'ibi