I. Uno musi ugize uwa 24 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana n’umushoferi w’ikinyamakuru IWACU Adolphe Masabarakiza bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu uwu mwaka bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru babanje guhagarikwa baja gufungirwa mu gasho ka komine Bubanza, hanyuma bungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza igenekerezo rya 26 uko kwezi nyene. Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu. Kw’igenekerezo rya 31 sentare nkuru y’intara ya Bubanza niho yafata ingingo yo kubagumiza mw’ibohero. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru ; amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ; abanyepolitike ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamakungu ntibahengeshanya kwiyamiriza iryo fungwa. Bakavuga ko riteye isoni kandi ridakurikije amategeko. Basaba ko abo bamenyeshamakuru borekurwa vuba bwango ; atakirinze gusabwa.
II. Har’umunyororo yakuwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi kuri uwu wa gatatu. Akaba yahamagawe n’icegera c’uwurongoye ibohero imbere yuko aca ajanwa n’icababa c’umushikirizamanza wa parquet y’i ngozi mukibanza n’ubu kitaramenyekana. Ildephonse Nimubona akaba afunzwe kuva mu mwaka w’2017, yagirizwa kuba ari mubateye ikambi ya Mukoni muri uyo mwaka nyene. Abapfunganywe na Ildephonse bakaba batinya ko umutekano wiwe uhungabana.
III. Nta gahengwe ku mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’impunzi ya Nduta muri Tanzaniya. Ingingo abategetsi ba Tanzaniya bafashe yo kwugara ibikorwa vyose bizana amahera ku mpunzi ituma ubuzima butoroha. Umwe mu mpunzi yavuganye na radio Inzamba arerekana ko kubera iyo ngingo, gushobora gutunga umuryango bitoroshe, ata mahera yo kwisahiriza bagica.
IV. Uko umwaka utashe igenekerezo rya 14 Munyonyo ; amakungu yama ahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igisukari DIABETE. Mu Burundi indwara ya diabete ngo ni iya 3 yica abantu gusumba izindi.
V. Ivyaraye bishikirijwe na Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL avuga ku bijanye n’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa ngo yari kurangura akazi yari yatumwe n’ubutegetsi mu ntumbero yo gucafuza abarongoye inzego z’umugambwe. Ivyo bivugwa na Aimé Magera, aserukira umugambwe CNL mu makungu.
VI. Ku bijanye n’abanywanyi bafatwa ku bwinshi bagafungwa muri abo babafata ugasanga harimwo n’imbonerakure, Aimé Magera, aserukira umugambwe CNL mu makungu avuga ko vyerekana ko igihugu kigeze ahatemba. Kubwa Aimé Magera, izo mbonerakure ntizobura gukora ico zishakiye kuko zishigikiwe n’abajejw’intwaro n’umutekano. Tubibutse ko abanywanyi barenga 10 b’umugambwe CNL bo muri komine Rango mu ntara ya Kayanza bafashwe mu misi itatu gusa, ni kuvuga kuva kuri uno w’Imana gushika kuri uno wa gatatu n’urwaruka rw’imbonerakure.
VII. Inyuma yaho kw’igenekerezo rya 7, kuno kwezi, musitanteri wa komine Ryansoro mu ntara ya Gitega aburije umugambwe CNL gukorera inama ku mutumba Murama, akanababuza kwugurura ingoro ku mitumba itandatu, uwurongoye uwo mugambwe CNL muri komine Ryansoro yarandikiye kuri uno wa gatatu uwuramutswa iyo komine amusaba ko yoreka abagize uwo mugambwe bakidegemvya nabo bakitegurira amatora nkuko iyindi migambwe iriko irabikora. Muri iryo kete Niyonkuru Fulgence arongoye CNL muri Ryansoro asaba musitanteri gufata imigambwe ikorera muri iyo ntara co kimwe, gutunganya inama yohuza imigambwe, kwubahiriza itegeko rigenga imigambwe no guhagarika ingingo z’agahotoro zifatirwa uwo mugambwe zikawubuza gushikira abanywanyi bawo.