I. Hari umwe mu mpunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi y’i Kakuma mu gihugu ca Kenya, yakomeretse ku musi wa gatatu mu ntambara zariko ziraba hagati y’abakomoka mu bwoko bubiri butandukanye bw’aba soudani baba muri iyo kambi. Abarundi babayo bakaba bafise ubwoba, kuko izo ntambara zikunda kuba kandi HCR n’abajejwe ikambi ataco bagira kugira babakingire. Izo mpunzi kumwe n’ishirahamwe ry’abarwanira agateka k’impunzi, basaba izo nzego gukingira impunzi zisanzwe ziriyo.
II. Abarundi barenga 2000 basaba ubuhungiro mw’ikambi y’i Mulongwe, iri mu buseruko bwa republika iharanira demokarasi ya Congo, barasaba gufashwa. Abo barundi bahunze kuva hagati mu kwezi kwa Munyonyo, barakenye imfungurwa n’uburaro bushemeye. Ubu bakaba bamaze indwi irenga bataronswa ibifungurwa.
III. Impunzi zahungiye mu gihugu c’u Rwanda zigwaye indwara zidakira, bita maladies chroniques mu gifaransa, zirafise ikibazo co kuronka imiti y’indwara baba barwaye. Ivyo biribonekeza mu karere ka Huye, aho umwe muri bo aherutse kumenya ko arwaye indwara y’igitigu, bita hepatite C, akamenyesha ko imiti y’iyo ndwara izimvye cane, adashobora kuronka uburyo bwo kuyigura.
IV. Umunywanyi w’umugambwe CNL, ku mutumba Kagaragara, zone Buruhukiro, komine Rumonge, arapfungiwe mu gasho k’igipolisi ka Rumonge kuva kuri uyu wa kane. Jeremie Ndayizeye yari yagenywe n’umugambwe arimwo CNL, ngo akurikirane ibikorwa vy’iyandikwa ry’abazotora mu matora yo mu mwaka wa 2020.
V. Vyoba bitangaje ari nka hamwe ububiligi bwoba bwarahaye uburenganzira bwo kwinjira ku butaka bwabwo umuntu yagirizwa kuvugira ubutegetsi bwa Nkurunziza bukora amabi. Ivyo n’ibivugwa n’urunani rw’amashirahamwe akorana na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CB-CPI. Aho ni mugihe urwo runani ruvuga ko rwatabajwe n’abakorewe amabi n’ubutegetsi bwa Nkurunziza, bari mu gihugu c’ububiligi bavuga ko barabutswe muri ico gihugu umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye. Mu gihe ngo vyoba ari vyo, Lambert Nigarura arongoye urwo runani CB-CPI avuga ko agumana icizere ko Ububiligi butoba inzitizi mu gihe sentare mpuzamakungu mpanavyaha yomutumako kugira abazwe ku mabi ariko arakorerwa mu Burundi.
VI. Mu kigabane kw’isoko c’urunani rw’ama radiyo co kuri uyu wa 14 Kigarama, tubashikana mu karere ka Huye mu bumanuko bw’igihugu c’Urwanda aho abarundi bamwe bamwe bahungiye muri ako karere bashitse biyungunganya mu gukora imyuga ibateza imbere.