Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/12/2022

Publié le 14 décembre 2022 par Rédaction
I. Gushika kw’igenekerezo rya mbere kigarama umwaka wa 2022, abamenyeshamakuru 363 ni bo bamenyekanye ko bapfunzwe kw’isi, nk’uko biri muri rusansuma rwakozwe n’ishirahamwe ryishinze gukingira abamenyeshamakuru CPJ. Muri abo, harimwo umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye w’iradiyo Igicaniro apfungiwe mw’ibohero ry’i Muyinga kuva mu kwezi kw’umunani. Akaba ari na we mukenyezi wenyene apfunzwe ku mugabane wa Afrika. Kubwa Tom Gibson aserukira ubumwe bwa buraya muri iryo shirahamwe, ipfungwa rya Floriane Irangabiye ryerekana ko Uburundi atari ikibanza ciza co gukoreramwo umwuga wo kumenyesha amakuru. Agasaba y’ukwo arekurwa ata gisabwe kugira abandanye umwuga wiwe.
II. Umunyororo w’imyaka 20, ni co gihano sentare nkuru ya Bubanza yaciriye Jean Paul Muhire, umugabo yagirizwa kuba yarishe mugenzi we n’impaka, hari mu mpera y’indwi iheze Ku muzinda muri komine Rugazi intara ya Bubanza. Ezechiel Nzoyihera yaguye mu bitaro bukeye, yari yamusogose imbugita bapfuye amafranga atarenga igihumbi y’amarundi, bakaba babanje no kugwana, nk’uko ababibonye babivuga. Jean Paul Muhire akaba atahakanye icaha, yasavye sentare ko yomugirira ikigongwe asigura ko ari isanganya ryamushikiye.
III. Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Muyinga yaraciriye mu ntahe yayo y’ikibiriraho yo kuri uno wa kabiri, igihano co gupfungwa imyaka 10, be no kuriha umwe umwe ihadabu ringana n’umuriyoni w’amafranga y’amarundi, abagabo bagiriwe n’icaha co kwinjiza urumogi mu gihugu barukuye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Muyinga akaba yari yashengeje abo bagabo ari bo: Ramadan Butoyi, Sylvestre Rwasa bavuka ku mutumba Mwurire, zone Rugari muri komine Muyinga hamwe na J.Bosco Niyonzima aturuka ku mutumba wa Gisanze muri komine Gashoho y’intara ya Muyinga nyene. Abo bagabo ukwo ari 3 bose bakaba baburanye biyemerera icaha, aho bavuga ko urwo rumogi bari barukuye mu gihugu ca Tanzaniya. Bose ukwo ari 3, bakaba bari bafashwe ku musi wa gatatu, bafise ibiro 30 vy’urwo rumogi.
IV. Leta yari ikwiye gusaba amatohoza ku bakoze icaha co kwica umupfasoni Alice Ntahokagiye, bafatiye ku makuru yemeza ko uwo mukenyezi yahohotewe n’abacungera Général Isidore Ndihokubwayo gushika aho ahasiga ubuzima. Ivyo bishikirizwa na Jeanne d’Arc Zaninyana arongoye umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro mu Burundi MFFPS. Abishikiriza mu gihe haciye indwi zibiri uwo Alice Ntahokagiye yishwe, ubutungane bw’Uburundi nabwo bugasa n’uburiko bwica amatwi. Mwokwibuka ko ku munsi wa mbere igenekerezo rya 5 za kuno kwezi ariho hatorwa ikiziga ca Alice Ntahokagiye, mu Ngagara mw’i quartier y’icenda, imbere y’ubwinjiriro bw’ahahoze SODECO.
V. Hari umuryango wo muri zone ya Kinindo uriko uratabarizwa n’ababanyi ko bariko bararenganywa mu gusohorwa mu nzu yawo, kugira ishikirizwe ibanki Ecobank bidakwirikije amategeko. Nk’ukwo ababanyi b’umuryango wa Vincent Niyubuntu babivuga, uyo muryango watije impapuro z’inzu amashirahamwe 3 yagiye hamwe igihe yarahejeje gutsindira isoko ryo kubaka amashure mu ntara ya Cankuzo, kugira ibanki Ecobank yemere kubaha ideni. Urwo runani rw’ayo mashirahamwe bamaze guhomba, Ecobank yaciye itangura inzira yo kugurisha ingwati urwo runani rwari rwatanze, harimwo n’iyo nzu y’umuryango wa Vincent. Ariko rero, sentare y’ubudandaji ikaba itigeze imenyesha umuryango wa Vincent ko hari urubanza bafitaniye na Ecobank. Uyo muryango ukaba waraye usohowe muri iyo nzu mu gihe urubanza rwari rwarashikanywe mu biro vy’umukuru w’igihugu kugira rutature ayo matati.
VI. Inama nshingamateka yaremeje kuri uyu wa kabiri ijana kw’ijana, integuro y’itegeko ry’uguhanahana ibidandazwa hagati y’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo hamwe n’Uburundi. Kubwa Dieudonné Dukundane, umushikiranganji w’inyubako yari yarungitswe na leta mu kibanza c’umushikiranganji w’ubutunzi, iryo tegeko ry’uguhanahana ibidandazwa riraba abadandaza bato bato bagira ubucuruzi bifashishije imbibe, bashira ibidandazwa bitarenza agaciro k’ama dolari 500 y’abanyamerika ku munsi kandi ku mucuruzi.
VII. Abashingamateka bari ngaho barerekanye amakenga mubijanye n’akarusho abarundi n’Uburundi bazohungukira mu gihe bagiye guhanahana ibidandazwa n’igihugu kinini mu vy’ubucuruzi nka Congo. Ico kibazo kikaba cabajijwe n’umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe.
VIII. Mu nyishu yiwe, umushikiranganji w’inyubako Dieudonné Dukundane yerekanye ingingo ya 10 y’iryo tegeko ishiraho gukingira inyungu z’igihugu cose mu bijanye n’ugukingira isoko. Iryo tegeko rikaba riri mu rukurikirane rw’amasezerano, ajanye n’uguteza imbere imigenderanire mu guhana ibidandazwa ku rugero rungana n’ugufashanya muri rusangi, amasezerano yateweko igikumu i Kinshasa kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza umwaka wa 2022.

Ibindi bisa n'ibi