I. Muri komine Ntega, mu ntara ya Kirundo, havugwa abasore bane barekuwe kuri uyu wa kane. Abo basore bari bafashwe n’igipolisi bagirizwa gusinzikaza ubuzima bw’abantu babiri bavukana ku musi w’Imana, mu gihe bariko barivuna akanyota ku mugwa mukuru w’iyo komine. Abanyagihugu bagatangazwa n’iryo rekurwa batarengukijwe imbere y’ubutungane, mu gihe abasinzikarijwe ubuzima amagara yabo yifashe nabi, kuko babuze uburyo bwo kwivuza.
II. Ishirahamwe rukristu ACAT Burundi ririyamiriza ihohoterwa n’ifatwa nabi ry’abapfungwa mu mabohero ya Mpimba, Gitega, Muramvya, Bubanza, Rutana, Ruyigi, Muyinga na Rumonge, na cane cane abafungiwe imvo za politike. Mu cegeranyo c’iryo shirahamwe c’ukwezi kwa cumi na kabiri, umushingwamanza Ntiburumunsi Jean Claude ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, amenyeshako hari n’ikibazo co kuvuza abapfungwa. ACAT Burundi ritunga agatoki murayo mabi, abarongoye amabohero, abakozi b’iperereza hamwe n’abafungwa bayoboka umugambwe CNDD-FDD.
III. Abantu umunani ni bo bamaze guhitanwa n’inkuba mu ntara zitandukanye z’igihugu mu kiringo kitarenze ukwezi. Muri abo, bane baraye bapfuye bakubiswe n’inkuba muri komine Buganda y’intara ya Cibitoke, mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi. Ahandi havuzwe inkuba mu misi iheze ni mu ntara ya Muyinga.
IV. Haruhande y’ingingo ziherutse gufatwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere n’umutekano, mu ntumbero yo kurwanya ikiza Covid-19, hamwe hamwe mu ntara abazirongoye bariko barashiraho ibihano mbere harimwo n’ihadabu rishingwa uko bonyene bavyishakiye.
V. Ihadabu rishirwaho n’abajejwe intwaro mu ntumbero yo guhimiriza abanyagihugu ngo bakurikize amabwirizwa ya leta yo kwikingira umugera wa corona, ryategerezwa kuba rimwe mu gihugu cose. Ivyo bisigurwa n’umushingwamanza Janvier BIGIRIMANA, aho abona ko n’aho abajejwe intwaro bafise uburenganzira bwo guca ihadabu, vyari bikwiye ko igihano kiba kimwe mu gihugu cose ku wutubahirije ingingo yo kwikingira, na rirya iguhugu nk’Uburundi ari gito.
VI. Diyoseze Katolika ya Muyinga ibicishije ku mwungere wayo Yohakimu Ntahondereye ihamagarira abasaserdoti barangurira ubutumwa mu ma paruwase atandukanye, gukora ibishoboka kugira ku musi w’Imana, abakirisu bazoza gusenga baze bicare bahana umwanya hagati yabo, mu ntumbero yo kwirinda ikiza ca Corona, nkuko ubutumwa bwarungitswe n’uwo Mwungere bwaciye kuri uwu wa gatanu Ku mbuga zitandukanye za WhatsApp bubimenyesha. Muri ubwo butumwa kandi, Musenyeri Yohakimu asaba abakirisu bafise ubufukamunwa kuza gusenga babwambaye. Amwunganira, Patiri mukuru wa Paruwase Muyinga nawe yararitse abarongoye imihari Katolika Scout, Kiro n’abandi, gutunganya abo barongoye ngo baze bakurikirane neza ko abaje gusenga babanje gukaraba imbere yo kwinjira mw’isengero, be n’uko bicaye bahanye umwanya hagati yabo. Kuva ikiza ca Corona kivuzwe mu ntara ya Muyinga, nibwo bwa mbere Diyoseze Katolika ya Muyinga ifashe ingingo nk’iyo.
VII. Ihindagurika ry’umugera wa Corona rimaze iminsi rivugwa ntirikwiye gutera ubwoba abantu, kuko uburyo bwo gufasha abamaze kwandura buriho. Ivyo bivugwa na Come Konakuze, umushakashatsi w’indwara z’ibiza mu bihugu biri munsi y’ubugararwa bwa Sahara. Come Konakuze avuga ko muri kahise n’indwara y’ubukangwe yibonekeje muri bene ubwo buryo, ariko ngo urucanco rwagumye ari rwa rundi. Come Konakuze asaba ahubwo abantu kubandanya bakwirikiza amabwiriza bashikirijwe yo kwirinda ico kiza.