Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/01/2022

Publié le 15 janvier 2022 par Rédaction
I. Abantu babiri ni bo baraye bitavye Imana, batandatu barakomereka cane, bivuye kw’isanganya ry’urusengero rwo mw’idini ry’abapantekoti rwasenyutse mu gihe bariko bararwubaka. Ivyo vyabaye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu mu gacimbiri Gasenyi, umusozi Kirema uri mu gisagara ca Kayanza. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyeshako atari ubwa mbere isanganya nk’izo zishika zigahitana abantu. Ni mu gihe abajejwe intwaro muri komine Kayanza, basaba abubaka amazu y’amahuriro y’abantu benshi, kubanza kubimenyesha abajejwe intwaro kugira babereke abahinga bobibafashamwo.
II. Indongozi z’ishengero EUSEBU zigeze kuri 4 zarafunzwe haraheze ukwezi, abandi nabo baracaronderwa kuko bahunze n’igipolisi muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Abakristu b’iryo shengero EUSEBU bo muri misiyoni ya Nyanza-Lac bavugako batekewe n’ubwoba, kuko babibona nk’agatotezo kariko karakorerwa ababarongoye.
III. Gutanga ikibazo ku bigisha basanzwe bari mu kazi kugira ngo bazokurikirane inyigisho zibongereza ubumenyi, ntaco biza gufasha mu gisata c’indero. Bivugwa na Eulalie Nibizi yahoze arongoye sendika y’abigisha STEB akongera agaharanira uburenganzira bwo kwiga. Iyo ngingo yo gutanga ico kibazo yariyamirijwe n’amasendika y’abigisha banagabishije kuri uyu wa gatanu ko bashobora kuja muri yegereyegere hamwe yogumizwaho. Eulalie Nibizi arerekana ko iyo ngingo y’ubushikiranganji bw’indero ari ingendo nshasha kandi itisunga itegeko na rimwe.
IV. Igihugu ca Maroc inyuma yo gutsinda Comores ibitsindo bibiri ku busa, caraye gihambije Cameroun mu bihugu bimaze kuronka uburenganzira bwo gukina igice c’umunani gishira ica nyuma, mu gikombe c’umupira w’amaguru ca Afrika. Igihugu ca Gabon na co inyuma yo kunganya na Ghana ku gitsindo kimwe ku kindi, na co nyene gisa n’icashitse muri ico gice n’aho gitegerezwa kurindira ko izindi nkino zose z’amatsinda zihera. Malawi nayo intsinzi y’ibitsindo bibiri kuri kimwe yakuye imbere ya Zambiya, irashira ico gihugu mu mwizero wo kuzokina igice c’umunani gishira ica nyuma, mu gihe cokwitwara neza mu rukino ruzoyihuza na Sénégal igenekerezo rya 18. Kuri uno w’Imana hategekanijwe inkino zine. Isaha icenda Gambiya izokina na Mali, isaha cumi na zibiri Tunisiya izotana mu mitwe na Mauritaniya. Kuri iyo saha nyene Côte d’Ivoire izokina na Sierre Léone, nayo isaha zitatu z’ijoro Algeriya ikine na Guinée Equatoriale. Inyuma y’izo nkino igihe Mali, Côte d’Ivoire na Gambiya zotsinda nazo nyene zizoba zironse itike y’igice c’umunani gishira ica nyuma.
V. Ku mwaka ku mwaka, inyuma y’ikibazo ca leta c’ishure shingiro, hari abanyeshure badaheza ngo babandanye amashure inyuma yo kuyoberwa ico kibazo. Abo nabo ntibaheza ngo basubire bakurikiranwe. Ikigabane « Kw’īsôko » c’uno musi, kiragerageza kwiga ahari ikibazo n’icokorwa.

Ibindi bisa n'ibi