Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/01/2024

Publié le 15 janvier 2024 par Rédaction
  1. Amakenga ni menshi mu bakozi bato bato b’ishirahamwe rijejwe gucungera umutekano ASEC bisunze amahera y’agashahara kabo baheraniwe. Amakuru ava muriryo shirahamwe agatangwa nabo bakozi, bemezako bamaze amezi abiri badahembwa mu gihe bagenzi babo bakora mu biro badasiba guhembwa kandi ku gihe. Abo bakozi basaba ubushikiranganji bubegukira kugira ico bukoze kugira ikibazo cabo gitorerwe umuti.
  2. Uwurongoye ibiro bijejwe amabohero mu Burundi amaze imisi atera ubwoba umuyobozi w’ibohero rya Bubanza. Ico amuhora ngo n’uko umumenyeshamakoru Floriane Irangabiye apfungiwe mur’iryo bohero dafatwa cokimwe n’abandi banyororo. Kubwiwe akabona ko Floriane ahubwo akwiye guhohoterwa. Ingendo y’uwo arongoye ibiro bijejwe amabohero, vyanatumye abakozi bamwe bamwe b’amabohero atandukanye batangura kuvuga amajambo yibonekeza ko ata neza bashakira uwo mumenyeshamakuru.
  3. Mw’ishirahamwe ACAT Burundi rigwanya ihohotegwa rya kiremwa muntu barayimariza ingendo mbi y’uwurongoye amabahorero mu Burundi afise intumbero yo gutoteza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Muriryo shirahamwe bakavuga ko ahubwo uwo arongoye amabohero yarakwiye kwitaho ingorane zitari nke zugarije abanyororo. Anitha Gateretse umuhabikogwa muri Acat Burundi agasaba ko agateka kuwo mumenyeshamakuru ko kubahirizwa mwibohero rya  Bubanza. Kurikira
  4. Ukutihanganiranira kwibonekeza muri politike kwibonekeza mundongozi za cndd fdd vyatumye umwana yitavye imana babuza ko ashingurwa biturutse yuko umuvyeyi w,ico kibondo ari umunywanyi w,umugambwe cnl, ivyo vyabaye kuruno wagatandatu kumutumba  Murembera muri zone Gakungu ni muri komine Giharo muntara ya Rutana.
  5. Inzira y’ibiganiro niyo yonyene ishobora gutorera inyishu ibibazo biri hagati y’ibihugu bibiri, uko niko leta y’Urwanda ivuga kuvyereke ingingo yafashwe na leta y’Uburundi yo kwugara imipaka ihana nico gihugu. Icegera c’umvugizi w’igihugu c’Urwanda Alain Mukurarinda yibutsa mbere yuko igihugu cabo kitigeze cugara imipaka gihana n’Uburundi , kandi haheze imyaka itari mike leta y’Urwanda irungitse imitahe mpuzamakungu ku banyarwanda barenga 15 baba mu gihugu c’Uburundi,  bakekwako bakoze ihongabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda, bakaba batigeze barungikwa mu Rwanda canke ngo bafatwe bacirirwe imanza aho bari.
  6. Umuhari urwanya leta y’Uburundi RED TABARA ukorera mu gihugu ca Leta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ivyo vyemezwa n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire muri ico gihugu  Christophe Lutundula. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye we yaheruka kuvugako uwo muhari uhawe indaro , ugafashwa muri vyose n’igihugu c’Urwanda. Umushikirangani Lutundula , mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu mpere ziyi ndwi iheze , yamenyeshejeko igihugu ciwe kiriko kirakora ibishoboka vyose kugirango gituze imihari y’abagwanyi b’abanyamahanga bakorera ku butaka b’ico gihugu.
  7. Uburundi nibwo bwatahukanye ikibanza ca mbere muri rya higanwa ry’urukino rwa tennis ryari rimaze iminsi rihuza ibuhugu 9 kuri 12 bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko. Nayo igihugu ca Côte d’ivoire kuva ku munsi wa gatandatu kiriko cakira inkino z’igikombe ca Afrika kigira 34. Côte d’Ivoire ikaba iharurwa mu bihugu bishobora gutwara ico gikombe. Mbere bakaba batsinze urukino rwuguriye iryo higanwa ibitsindo bibiri ku busa bwa Guinée Bissau.

Ibindi bisa n'ibi