Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/02/2020

Publié le 15 février 2020 par Rédaction

I. Diyoseze ya Bururi ubu iramutswa Salvator Niciteretse. Asubiriye Musenyeri Bacinoni Vénant, yatanze imihoho muri ayo mabanga yo kurongora iyo diyoseze. Musenyeri Niciteretse yavutse mu mwaka 1958, aronka ubusaseresoti itariki icenda z’ukwezi kw’indwi mu mwaka 1989. Uwo rero yabaye umwungere wa Ekleziya muri diyoseze ya Bururi, akaba yari asanzwe, impande y’amabanga yiwe, yigisha mw’iseminari nkuru ya Gitega na Kiryama.

II. Abasirikare b’abarundi bagera ku 200 bararembeje imyiteguro yo gutahuka mu Burundi muri ba basirikare igihumbi bategetswe kugabanywa mu nteko za AMISOM, kugeza mu mpera z’uku kwezi kwa kabiri. Amakuru ava mu basirikare ba AMISOM, avugako n’abazova mu nteko zo mu bindi bihugu, imyiteguro yo gutahukanwa isa n’iyiheze.

III. Ingingo yashizweho n’ibanki y’igihugu BRB, yo guha amabanki y’ubudandaji, ububasha bwo gutanga amafaranga y’agaciro, amazu yahora akora ico gikorwa akugarwa, ngo n’ingingo itazokworohereza inagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu. Uyo n’umwihwezo wa Faustin Ndikumana, umuhinga yigenga mu vy’ubutunzi. Ku bwiwe ahubwo, iyo ngingo izotuma amafaranga y’agaciro akena, abadandaza n’amashirahamwe akomakomeye nka Brarudi azogira ikibazo co kuronka amafaranga y’agaciro. Uyo muhinga arasigura kandi ingingo zotuma amafaranga y’agaciro aboneka mu gihugu.

IV. Kuri uno wa gatandatu, ikigabane Kw’isoko kibaganirira ku bijanye n’igikorwa ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ku mabi yakozwe mu Burundi.

V. Mw’ikoraniro ry’umugambwe RANAC ryabaye uno musi, abarongoye uwo mugambwe bamenyesheje ko bagiye kuzoja hamwe n’iyindi migambwe, kugira bashobore gushikira intsinzi mu matora yimirije. Aloys Baricako, arongoye uwo mugambwe, amenyeshako badashaka kuja hamwe n’abandi kubera bafise inguvu nke, ahubwo ngo n’uko bazi ko ubugirigiri bugira babiri, kandi ngo n’umugambwe wabo urabitomora.

Ibindi bisa n'ibi