Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/02/2021

Publié le 15 février 2021 par Rédaction
I. Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta riradoma urutoke ku busuma bwabaye mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gushira hamwe amashirahamwe ya Air Burundi na SOBUGEA. OLUCOME ryerekana kandi ko bamwe mu bihangange vy’umugambwe CNDD-FDD bafitaniye isano n’ishirahamwe BCPA ryahawe isoko yo gushira mu ngiro uyo mugambi. OLUCOME ritera akamo umukuru w’igihugu guhagarika ubwo busuma bw’amatungo ya Leta.
II. Imiliyoni zirenga ijana na mirongo ibiri z’amarundi ni yo ma tagisi n’amakori yatojwe mu kiringo c’indwi imwe gusa, kuyahora atozwa mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura. Ayo mahera yatojwe mu ndwi yahariwe igikorwa co kwongereza amakori n’amatagisi yinjira mu ma komine yose y’igihugu. Ivyo vyavugiwe mu nama umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’iterambere ry’ama komine yagirishije kuri uyu wa mbere abajejwe ivy’ubutunzi, hamwe n’abajejwe amakori n’ama tagisi. Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji, avuga ko abo bahora batoza ama tagisi mu gisagara ca Bujumbura bahagaritswe mu kazi kabo kubera vyibonekeje ko bahora banyuruza ama tagisi batoza mu masoko.
III. Mw’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, ribicishije ku buhinga bwa Twitter, rikaba risaba ko abahagaritswe boca bashengezwa hako bahindurirwa ibibanza bahoramwo.
IV. Ishirahamwe ACAT-Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu rirarajwe ishinga n’ihonyagwa ry’agateka k’abanyororo muri kino gihe mu mabohero. Mu cegeranyo iryo shirahamwe riherutse gukora mu kwezi kwa mbere kw’uwu mwaka, ryasanze abanyororo babandanya bakorerwa amabi ajanye no guhohoterwa, kwakwa uburenganzira bwo kwivuza n’izindi ngorane zijanye n’ubwinshi bw’abanyororo mu mabohero.
V. Umushingwamanza Karim Khan ni we yatowe ku munsi wa gatanu ngo azorongore sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI. Akazokwinjira muri ayo mabanga mu kwezi kwa gatandatu asubiriye umupfasoni Fatou Bensouda. Abashingwamanza basanzwe baburanira imiryango y’abakorewe amabi mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015 bakizerako Karim Khan azogira uruhara kugira imitahe ihagarika abagirizwa ayo mabi, isohoke. Lambert Nigarura n’umwe muri abo bashingwamanza.
VI. Karim Khan akaba aturuka mu gihugu c’Ubwongereza. Yatowe ku majwi 72 ku majwi 122. Akaba yarigeze gutwara umugwi w’amatohoza udasanzwe wa ONU kubijanye n’amabi yakozwe n’imigwi y’ama leta ari mw’idini rya Islam.
VII. Ibice bigera kuri 40 kw’ijana vy’abanyafrika baritavye Imana bitewe ahanini n’ubwoko bushasha bw’ikiza COVID-19 mu kwezi kwa mbere guheze. Bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS. Kuva umuntu wa mbere ahitanywe n’ico kiza kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma umwaka uheze wa 2020, igitigiri c’abitavye Imana kigeze ku bihumbi 100.

Ibindi bisa n'ibi