I. Abakozi barenga 70 b’ihinguriro Brarudi baratakambira umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kugira ngo abafashe guhagarika umugambi w’ubuyobozi bw’ihinguriro wo kubirukana mu kazi. Ivyo biri mw’ikete ry’abaserukira abakozi n’abarongoye sendika SYLITRAB bandikiye umukuru w’igihugu, ku wa 9 Ntwarante uyu mwaka. Muri iryo kete abo baserukira abakozi bereka umukuru w’igihugu ko insiguro z’ubuyobozi bw’ihinguriro ryo kwirukana abakozi zidafashe. Izo nazo zikaba ku bukene burangwa muri iryo shirahamwe.
II. Hari ikiziga c’umugabo catowe mu gatondo kuri uyu wa mbere, kw’ibarabara rya 7 muri zone ya Cibitoke, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Abegereye aho uyo muntu yari ateramiye bavuga ko uwo yapfuye yahitanywe n’inzoga bita “Karibu”.
III. Amakungu arahimbaza kuri uyu wa 15 ntwarante umunsi wahariwe kurwanya amabi akorwa n’abapolisi. Ayo mabi ngo ntahengeshanywa gukorwa n’abapolisi mu Burundi, nkuko vyemezwa n’umuhari Iteka ukurikirana ibijanya n’agateka ka zina muntu. Ku bwa Emmanuel Nibizi icegera c’uwurongoye ligue Iteka, ngo abapolisi bakwiye kumenya ko inguvu bahabwa n’igihugu Atari izo guhohotera abanyagihugu, ahubwo ari izo kubakingira. Akibutsa abihaye iyo ngendo yo guhohotera abanyagihugu, ko ubutungane amaherezo buzobibabaza.
IV. Emmanuel Ntakiyiruta, umukozi wo mu bushikiranganji bw’ibidukikije mu ntara ya Gitega apfungiwe mw’ibohero rya Gitega haraheze hafi indwi. Yajanywe mw’ibohero ku wa 11 Ntwarante inyuma y’indwi yamaze apfungiwe muri komisariya y’igipolisi mu ntara ya Gitega. Yagirizwa ko mu gitondo c’itarike 4 z’ukwezi kwa gatatu, yagiye kw’ibohero gusaba ko abapfunzwe bagirizwa gutembagaza ubutegetsi borekurwa. Abegereye umuryango wa Emmanuel Ntakiyiruta, bavuga ko agendana ihungabana rifatiye ku ndwara zo mu mutwe kandi ko asanzwe yivuriza kw’ivuriro rifasha abafise ingorane zo mu mutwe ry’aho i Gitega. Tubajije umushingwamanza Gustave Niyonzima icokorwa mu bihe nk’ivyo, avuga ko uwo munyororo yorekurwa kuko ipfungwa ryiwe riteye kubiri n’amategeko yaba igitabo mpanavyaha canke igitabo kigenga ingene imanza zitohozwa zikongera zikaburanishwa. Me Gustave Niyonzima.
V. Abaca amahera bunguruje abantu ku makinga mu gisagara ca Rumonge baridoga ko bama babujijwe gukora akazi kabo, bagategekwa kuja guterera umuganda ku biro vy’intara biriko birubakwa. Amakuru ava aho mu Rumonge, avuga ko uwufashwe atagiye acibwa ihadabu. Ba nyene amakinga bagasaba abajejwe intwaro gutora umuti w’ico kibazo.