Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/04/2022

Publié le 15 avril 2022 par Rédaction
I. Ikena ry’igitoro mu ntara ya Rumonge ryatumye imirimo y’uburovyi no kwenga amavuta bihagarara. Abasanzwe bakora muri ivyo bisata bavuga ko bakora bahomba kubera igitoro kitaboneka iyo kibonetse naho bakakigura amafaranga yumurengera.
II. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Général de brigade de police Jimmy Hatungimana yaraye afashe ingingo ibuza abafise ama stations anywesha igitoro, kukigurisha ku bafise ama bidons. Aho avuga ko abazorenga kuri iyo ngingo bazohanwa bikomeye. Abagendesha amamodokari barashima iyo ngingo bagasaba n’ukwo yokurikizwa neza. Bafise amakenga ariko ko hashobora kuba abikika mu kiza bihishije inyuma y’abazoba bahawe uruhusha n’ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka, rwo gutwara igitoro mu ma bidon.
III. Uburundi burasabwa kwitegurira gutangura kwubaka ibarabara ry’indarayi rizoca Musongati-Gitega, kugira ngo rizohure n’iririko rirubakwa n’igihugu ca Tanzaniya, imbere y’ukwo rishika ku mupaka ivyo bihugu bihurirako. Akamo gaterwa na Dieudonné Dukundane, umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’umuhora wo hagati corridor central. Yabivugiye mu birori vyo kwugurura icese, igice ca gatatu c’ibarabara ry’indarayi Tanzaniya-Burundi, hari ku munsi wa gatatu.
IV. Ukuronswa inkuru iva mu ndongozi z’igihugu, ni kimwe mu bihanze umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi. Ivyo biremezwa n’ubushikiranganji bujejwe gutumatumanako amakuru. Mu nama yatunganijwe n’ikigo CNC kijewe gucungera uko ibinyamakuru bikora, umwunganizi w’umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru avuga ko biva ku kutamenya igikorwa c’abamenyeshamakuru, ku bategetsi bamwe bamwe. Thierry Kitamoya avuga ko bagiye kugwiza amanama yo kubisigurira bamwe mu barongoye abandi mu bisata vya leta.
V. Integuro y’itegeko igenga urwego rwa gisirikare FRAD iherutse kwemezwa n’inama nshingamateka, ngo ntakindi igamije atari gushiraho igisirikare c’imbonerakure kugira babandanye gukora amabi nk’abitwa ko bajejwe umutekano. Bisigurwa na Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC Génocide Canada. Ku bwiwe, nta gitangaje ko urwo rwego rw’igisirikare rushirwaho n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, kuko n’urwaruka rwawo ruzwi nk’umugwi w’inkorabara nk’ukwo vyamenyeshejwe n’ishirahamwe ONU.

Ibindi bisa n'ibi