Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/06/2020

Publié le 15 juin 2020 par Rédaction

I. Hari umuntu yaraye arashwe n’umupolisi mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana, aca aritaba Imana ubwo nyene. Vyabereye ku musenyi mu ntara ya Bubanza. Amakuru ava aho iryo bara ryagwiriye, yemeza ko yazize kutavuza indirimbo zo gusezera Petero Nkurunziza. Uno yarashwe akaba yariko aracuruza inzoga.

II. Mu muhari Iteka uharanira agateka ka zina muntu, bavuga k’ubwo bwicanyi ar’ingaruka y’ukudahana.  Anschaire NIKOYAGIZE arongoye uwo muhari, asaba k’uyo mu polisi yohanwa vy’akarorero, kugira ngo ayo mabi aranduranwe n’imizi.

III. Haribonekeza ukutihanganiranira mu badasangiye imigambwe mu ntara za Bururi na Rumonge, ni mu bumanuko bw’Uburundi. Abanywanyi b’umugambwe CNL bavuga ko batotezwa n’imbonerakure, aho mbere muri komine Matana bageze n’aho batana mu mitwe. Mu Rumonge havugwa ifatwa agasakisaki ry’abanywanyi b’umugambwe CNL. Inyamiramabi n’abajejwe intwaro bakingira ikibaba abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

IV. Abanyororo bafungiwe imvo za politike babandanya gutotezwa n’urwaruka rw’Imbonerakure mu mabohero atandukanye y’igihugu, na cane cane mu MPIMBA no mu RUMONGE. Tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT Burundi co mu kwezi kwa gatanu. Kubw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu rishigikiwe n’abayobozi b’amabohero.

V. Abantu 5 bo muri zone Gasibe, komine Matana, n’intara ya Bururi, bazindutse bafatwa n’igipolisi bajanwa gupfungirwa ahantu hataramenyekana. Amakuru dukura muri iyo zone, akemeza ko mu bamaze kumenyekana batwawe n’igipolisi ari uwitwa Epimac, Itangishaka Alberic, Telesphore Niyoyandemye, Ndavyirakora hamwe n’uwitwa Onesphore. Radio Inzamba ikaba itarashobora kuronka Musitanteri canke komiseri atwara igipolisi muri komine ya Matana,  kugira hamenyakane imvo zatumye abo bantu bahagarikwa.     

VI. Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 18 Ruheshi, niho Evariste Ndayishimiye aherutse kwemezwa na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ko yatsinze amatora, azokwimikwa kugira atware Uburundi. Ibirori bizobera mu ntara ya Gitega, ku murwa mukuru wa politike, igihe c’isaha zitanu. Ivyo bikaba vyemezwa n’ubutumire ubushikiranji bw’imigenderanire n’amakungu bwarungikiye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuri uyu wa mbere. Iryo yimikwa rikaba ribaye inyuma y’urupfu rw’uwahoze arongoye Uburundi Pierre Nkurunziza, ryamenyeshejwe na Leta ku musi wa kabiri w’indwi iheze. Uyo nawe hakaba hataramenyekana igihe azoshingurwa.

VII. Uburundi nico gihugu ca mbere gikenye kw’isi.  Mu cegeranyo cerekana uko abanyagihugu babayeho mu butunzi bwabo  ku mwaka ku mwaka,  amikoro y’umunyagihugu w’umurundi  angana n’amadolari  ya Amerika 784.  Ico cegeranyo kikerekana ko igwirirana ry’abantu ariyo ntambamyi ku mikoro n’ubutunzi bw’ibihugu.

VIII. Uwuja gukira indwara arayirata. Reta y’Uburundi yari ikwiye kwemera y’uko yatewe n’ikiza ca coronavirus, igasaba imfashanyo mu makungu. Ivyo bishikirizwa na Vital NSHIMIRIMANA arongoye ishirahamwe FORSC. Kubwiwe ngo Reta ikwiye kurarika abanyagihugu mu gukurikiza amabwirizwa y’isuku yo kwirinda ico kiza, no gushinga itegeko ribuza abantu kugira amakoraniro.

IX. Abakozi bo ku bitaro bikuru vyo mu ntara ya Muyinga basaba bashimitse ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kubaronsa ibikoresho vyo gupima umugera wa Covid-19, hamwe n’ibindi bikoresho. Amakuru ava aho I Muyinga akavuga ko abo bakozi bafise amakenga menshi, kubera hari abantu bamaze kugaragaza ibimenyesto vya corona ariko ntibaronke uko bapimwa.

Ibindi bisa n'ibi