Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/06/2022

Publié le 15 juin 2022 par Rédaction
I. Ubwinshi bw’abanyeshure mu birasi, abarimu badafise ubumenyi bukwiye hamwe n’ubukene bw’ibikoresho, biri mu bihagaritse umutima abariko barakurikirana inama idasanzwe yo kunagura igisata c’indero, inama iriko ibera i Bujumbura. Abitavye ivyo bikorwa, bose barahuriza hamwe kw’igisata c’indero kirimwo ibibazo vyinshi.
II. Amashengero 18 yahora akorera muri komine n’intara Kayanza ni yo ategerezwa kuzoba yamaze kwugara bitarenze igenekerezo rya 30 Ruheshi uno mwaka. Ivyo ni ibishikirizwa na Gilbert Nyandwi, musitanteri w’iyo komine, aho amenyesha ko iyo ngingo yafashwe hakurikijwe ingingo y’umushikiranganji ihamagarira abajejwe intwaro guhana amashengero akora atisunze amategeko.
III. Agahombo ni kanini ku bantu barangurira imyuga itandukanye bifashishije  umuyagankuba  ku mugwa mukuru wa komine Gasorwe uri mu ntara ya Muyinga. Amezi atatu agira ahere abo banyamyuga ataco bahereje iminwe, biturutse kw’ibura ry’umuyagankuba. Bagasaba abajejwe intwaro gutorera umuti ico kibazo.
IV. Abanyagihugu bo mu Ruziba muri komine Muha mu gisagara ca Bujumbura, baridogera umwe mu batware babo, Nyumbakumi Henri ko atangisha amafranga kw’ibombo ry’amazi ryubatswe na paruwasi Ruziba. Bavuga ko yikika mu kiza kuko iyo karitiye abayibamwo batararonka bose amazi mu ngo zabo, agaca atoza amafranga abaza kuvoma kuri iryo bombo. Uwutamuhaye amafranga ntaheza ngo aronke amazi meza. Abanyagihugu baba muri iyo karitiye basaba ko abamukurira bogenda kwirabira ivyo bintu.
V. Hari  inzara mu makambi y’impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya kuva aho ishirahamwe mpuzamakungu ritanga imfashanyo y’ibifungurwa kw’isi PAM rigabanije ibifungurwa ritanga ku mpunzi. Aho bigeze abana baraheba amashure, abagiye kwiga na bo ngo ntaco bumva kuko baba bashonje. Ubuyi abo bana bahora banywa bwarahagaritswe haraheze amezi abiri. Izo mpunzi zivuga ko hamwe ata gikozwe mu maguru masha, ibara rishobora kugwa.

Ibindi bisa n'ibi