I. Christophe Nduwayo, umunywanyi w’umugambwe CNL akaba yahoze ari umushingamateka mu nama nshingamateka y’ibihugu vy’umuryango w’ubuseruko, yanyurujwe mu gatondo ko kuri uyu wa kane n’abapolisi ngo bari bambaye umwambaro wa civil. Abo bivugwa ko ari aba polisi bazindutse bakikuje urugo rwiwe kuri uyu wa kane. Amakuru amwe amwe umugambwe CNL waronse avuga ko umushingamateka Christophe Nduwayo yoba yatwawe n’uwitwa Eliphase akorera mairie y’igisagara ca Bujumbura. Gushika ubu ntiharamenyakana igituma uyo munywanyi wa CNL yafashwe n’iyo yoba yajanywe. Umugambwe aturukamwo bakaba basaba umuco.
II. Kuri uyu wa kane niho Muganga Christophe Sahabo yahoze arongoye ibitaro Kira yarengutswa imbere y’ubutungane. Inyuma y’intahe yashashe muri Sentare Nkuru ikukira komine ya Muha mu gisagara ca Bujumbura, ingingo yafashwe n’uko iyo dosiye yagiye mu mwiherero, sentare ya Muha ikazoca irya n’ino ibijanye na yo. Icibonekeje n’uko Muganga Christophe Sahabo yari yaherekejwe n’umushingwamanza wiwe. Muganga Christophe Sahabo, akaba amaze umwaka n’amezi hafi atatu mu buroko, uno musi bukaba bugize kabiri arenguka imbere ya sentare nkuru ya Muha. Yaheruka kwitaba kw’igenekerezo rya 28/9/2022, inyuma y’amezi atanu afunzwe.
III. Umuyobozi w’ishure ry’imyuga ryo ku Gitaba mu ntara ya Rutana, Claver Nitunga, aragirizwa kuba yarivye ibikoresho vyahawe iryo shure n’ishirahamwe World Vision rikorera muri iyo ntara. Abakorera kuri iryo shure co kimwe n’abavyeyi baharereye basaba ko uyo muyobozi yokurikiranwa n’ubutungane.
IV. Integuro y’amafranga leta igiye gukoresha mu mwaka 2023-2024 yababa ibihumbi bine vy’amamiriyaridi y’amarundi, ikwiye gusubirwamwo ngo kuko idashira imbere inaguka ry’ubutunzi bw’igihugu. Ivyo bishikirizwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rirwanya igiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta OLUCOME. Ku bwiwe, iyo nteguro ntifatiye ku bintu nyamukuru biboneka, na cane cane ko harimwo ibintu bimwe bimwe vyari bikwiye gusubirwamwo, igasubira mu nama nshingamateka kugira basubire kuyemeza. Ariko Gabriel Rufyiri arashima ko bongeyemwo itagisi ishimikiye ku butunzi bita taxe sur la fortune mu rurimi rw’igifaransa.
V. Imyidogo ni myinshi mu banywanyi b’ishirahamwe Mutuelle rijejwe kuvuza abakozi ba leta. Iryo shirahamwe ngo ntiryigera ryubahiriza ibice 80 kw’ijana ribwirizwa kubavuzako, nk’uko biri mu masezerano. Baryidogera kandi ko ritabarihira imiti bandikiwe na muganga nk’uko vyabwirizwa kumera.
VI. Muri iyi misi, hari ubukene budasanzwe bw’ibiribwa vya nkenerwa nk’ibiraya, ifu y’imyumbati n’iy’ibigori muri komine Kabarore, mu ntara ya Kayanza. Abadandaza bahora bacuruza ivyo biribwa ntibacemera kwakira inoti za kera z’ibihumbi bitanu n’iza cumi. Ingaruka y’ivyo vyose n’uko abo badandaza batakironka ababazanira ivyo biribwa biva ahandi. Abanyagihugu na bo ubu ni imyidogo gusa, kuko badashobora kuronka ivyo biribwa, aho bibonetse naho bakabironka ku biciro biri hejuru cane.