Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/07/2020

Publié le 15 juillet 2020 par Rédaction

I. Hari ikiziga c’umukobwa azwi kw’izina rya Nshimirimana Anita w’imyaka 20, catowe ku mutumba wa Munanira, ni muri komine Gihogazi mu ntara ya Karusi, hari ku munsi w’ejo wa kabiri. Uwo muhisi ngo bikabonekako mu kwicwa yaturijwe essence n’abantu bataramenyekana, nkuko amakuru ava aho i Karusi avyemeza. Amatohoza aramaze gutangura, hakaba hari n’uwamaze gufatwa. Uwo nawe akaba ari umupasitori w’ishengero rya Pentecôte yitwa Havyarimana Roger, yikekwa ko yari yamutwazije inda mu nyuma agatinya ko ishengero arongoye ribimenya. Akaba rero ngo yoba yaciye arondera abakora ako kabi ko kumunyuruza bakanamwica urw’agashinyaguro.

II. Ingoro y’umugambwe CNL muri zone Rugari, komine n’intara ya Muyinga, yarasenyuwe n’abantu bataramenyekana, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira uwa gatatu. Abarongoye uwo mugambwe badomako urutoke bamwe mu mbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD ko aribo babikoze. Igipolisi kimenyeshako catanguye amatohoza.

III. Urunani rw’amashirahamwe yishinze kunywanisha no gushigikira abahohotewe biturutse ku ndyane zo mu kibano, CARAVI mu mpfunyapfunyo, rwandikiye umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, ruwusaba gufata mu minwe ikibazo ca Thérence Mushano apfunzwe kuva kw’igenekerezo rya 11 za kuno kwezi. Urwo runani rukabona ko apfunzwe bidakurikije amategeko, kuko inkuru yagira atange yari ifitiye inyungu abanyagihugu.

IV. Igenwa rya bamwe mu bagize leta y’Uburundi kandi bagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu bari no mu bihano bafatiwe n’ibihugu bimwe bimwe, vyategerezwa ko amakungu agumiza ijisho ku Burundi. Ivyo n’ibisabwa n’umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ugira amatohoza ku Burundi ubona ko binagoye kwizera ihinduka, mu gihe ata kimenyetso cerekana ugushaka kwa politike kw’ibintu bihinduka. Doudou Diène arongoye uyo mugwi yabishikirije kuri uyu wa kabiri, igihe bashikiriza icegeranyo umugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu, mu nama yawo y’incuro ya 44.

V. Kurwanya ikiza c’umugera wa korona, ubushomeri mu rwaruka rwarangije amashure, hamwe no kurwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta, ni bimwe mu bikorwa vyihutirwa umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE yasavye ba bulamatari baherutse kugenwa kurongora intara. Hari mu nama ya mbere yagirishije kuri uyu wa gatatu, ku murwa mukuru wa politike mu ntara ya Gitega. Jean-Claude KARERWA, n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu.

VI. Hari abakenyezi babiri bapfungiwe mu gasho ka komisariya ya komine Matongo iri mu ntara ya Kayanza, kuva ku munsi wa mbere w’ino ndwi. Bakaba bafashwe n’igipolisi inyuma y’aho bahatswe kugirirwa nabi n’abanyagihugu, babagiriza kuba baragaburiye ishano abantu 4, babiri muri bo bakaba baritavye Imana, abandi bari ku musego.

VII. Abanyeshure babiri bo kuri Lycée du Lac Tanganyika basaba kuronswa diplôme zabo bakuriwe inkoni ku gishitsi, inyuma y’ubugenduzi bw’ubushikiranganji bw’indero. Abo banyeshure bakaba bavuga ko bayobejwe bahorwa ubwoko bwabo, n’ukuba bari mu mirwi y’imbonerakure, ariko ubugenduzi bumenyesha ko abo banyeshure batigeze baronka amanota meza mu vyigwa bikuru bikuru vy’igisata bigamwo, kuva mu ntango z’umwaka. Ubuyobozi bwa Lycée du Lac Tanganyika bwaboneyeho kumenyesha ko buzokwama bukwirikiza akarangamutima ko gufata abana kumwe, n’ukwubahiriza amategeko y’ingene abana bunguruzwa n’ingene baronswa impapuro z’umutsindo, nkuko bisabwa n’ubushikiranganji bw’indero.     

Ibindi bisa n'ibi