Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/07/2023

Publié le 15 juillet 2023 par Rédaction
I. Umunyeshure Christelle Ndayishimiye yahora yiga kuri Lycée Mugendo muri komine Ntega, ni mu ntara ya Kirundo, afungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi kuva kuri uyu wa kabiri. Yagirizwa kumena amabanga y’akazi. Uwo munyeshure yaheruka kwandika ikete ryo gutabaza, avuga ingene abangamiwe n’umuyobozi w’iryo shure Oscar Nemeyimana, yamusavye ko baryamana na we aravyanka, ahitamwo guheba ishure. Uyo muyobozi akaba n’ubu yidegemvya.
II. N’akamaramaza kubona abacamanza ba Sentare ya Kirundo bafata ingingo yo gupfunga umunyeshure w’umukobwa, yerekanye ingorane afise. Ivyo vyerekana ko ubutungane bw’Uburundi butazopfa buronse ubwingene na rimwe mu gihe buri mu kwaha kw’ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD. Bisigurwa na Janvier Bigirimana yanonosoye ibijanye n’amategeko. Asaba abajejwe ubutungane kurekura uyo mwigeme akidegemvya, kuko ata kosa na rimwe yakoze, ahubwo uwo muyobozi agakurikiranwa ku vyo yagirizwa.
III. Umugabo w’imyaka mirongo itatu n’icenda (39) azwi kw’izina rya Habonimana Phocas wo ku musozi Kavumu na komine Kayanza, ni mu ntara ya Kayanza, aherutse gusinzikarizwa amagara n’umugore wiwe mu ndwi iheze mu kumuhotora igitsina. Kuri uno wa gatandatu, yashikanywe mu kigo Seruka aho agiye kuvurizwa. Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo gufatana mu nda bukaba aribwo bugiye gukurikiranira hafi ivuzwa ry’uwo mugabo. Akaba yashikanywe muri ico kigo inyuma y’aho hari haciye imisi itatu ibitaro bikuru vya Kayanza bisohoye urupapuro rumurungika kwivuriza mu gisagara ca Bujumbura.
IV. Kuri uno wa gatandatu mu gatondo, imirimo yose cane cane iyo mu budadandaji yahagaristwe, abantu bakaba basabwa guhagarika iyo mirimo kugira ngo baje ku kibuga c’indege ca Bujumbura kwakira umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye, atashe avuye mu rugendo mu gihugu ca leta zunze ubumwe za Amerika. Imyidogo ikaba yabaye myinshi mu badandaza batari bake bavuga ko bahahombeye vyinshi.
V. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi kigaruka ku ngingo yo kubuza abanyagihugu kugurisha amatongo ku banyamahanga, ingingo yavuzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
VI. Imbere yo gusozera aya makuru murakurikira agakino k’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka, agakino bise « Tunywere mu gakuza ».

Ibindi bisa n'ibi