I. Imyaka 32 irarumanye habaye ubwicanyi bwahitanye isinzi ry’abantu mu ma komine ya Ntega na Marangara, mu buraruko bw’igihugu. Gushika ubu abacitse kw’icumu n’ababuze ababo ntibaramenya ukuri ku bijanye n’ubwo bwicanyi, bamwe bavuga ko bwahitanye abantu ibihumbi bitanu, abandi bakavuga ibihumbi mirongo ibiri.
II. Impunzi z’abarundi zifuza gutaha zizotangura gutahanwa mu mpera z’uku kwezi kwa Munani. Ivyo akaba ari ivyavuye mu nama yabaye muri iyi ndwi ikaba yari ihurikiyemwo abaserukira HCR, abaserukira Uburundi n’Urwanda. Pierre Nkurikiye umuvugizi w’igipolisi, akaba yavuze ko ico gikorwa kizotangura bivanye n’igitigiri c’abazoba bashaka kwiyandikisha.
III. Haribonekeza ubukene bw’amazi ku mutumba Mutambara wo muri komine n’intara ya Rumonge. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba, bafise ubwoba ko bashobora guterwa n’indwara zifatira kw’isuku rike hamwe batoronswa amazi, kuko bamwe batanguye gukoresha amazi atemba y’uruzi Murembwe.
IV. Abanyororo babandanya bagirirwa amabi atandukanye harimwo gusinzikarizwa ubuzima, kubuzwa kwivuza no kudakingirwa coronavirus. Bivugwa n’ishirahamwe rirwanya gusinzikariza ubuzima kiremwa muntu, ACAT-Burundi mu cegeranyo c’ukwezi kw’indwi. ACAT-Burundi rirashimishwa n’ukwo icaha co guhohotera abanyororo cagabanutse biboneka, n’aho hari amabohero abagize imirwi y’umutekano bakibigira. Ibiri muri ico cegeranyo, tubishikirizwa na Me Jean Claude NTIBURUMUNSI, ajejw’igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi.
V. Mu gihe bamwe mu bakozi b’ishirahamwe ODECA rijejwe igisata c’ikawa mu Burundi bidoga ko baheruka guhembwa umushahara wabo mu kwezi kwa gatatu uno mwaka, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema, yamenyesheje kuri uyu wa gatanu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ko abo bakozi batokwidogera leta gusa, bokwitura n’ishirahamwe SOGESTAL ryabakoresha.
VI. Biracashoboka kw’imiriro ya nyakanga ituzwa mu Burundi ? Nico kibazo ikiganiro « Kw’isoko » kiza kuba gishingiyeko.