I. Abashingamateka cumi bavuga ko bari mu rwego rukuru rw’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa, baragenye kuri uyu wa mbere mw’itangazo rigenewe abamenyeshamakuru, umushingamateka Marie Immaculée Ntacobakimvuna, mu kibanza co kurongora umugambwe CNL vy’imfatakibanza. Abo bashingamateka bari barakuwe mu rwego rukuru rw’umugambwe, mu nyuma kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro na bo bafata ingingo yo guhagarika umushingamateka Agathon Rwasa mu burongozi bw’umugambwe CNL. Thérence Manirambona ari muri uwo mugwi, amenyesha ko mu gihe umunyamabanga mukuru w’umugambwe yanse guca arongora umugambwe vy’imfatakibanza, amategeko y’umugambwe ngo avuga ko aca asubirizwa n’uwusumvya imyaka abandi mu bagize ibiro bikuru vy’umugambwe.
II. Ku bw’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNL, ngo uwo mugwi nta burenganzira na bumwe canke inzira y’amategeko ufise kugira ufate ingingo mu kibanza c’inzego z’umugambwe CNL zemewe n’amategeko, ngo kanatsinda baranahagaritswe mu rwego rukuru rw’umugambwe. Simon Bizimana amenyesha kandi ko umugambwe CNL atari umugambwe w’urwego rukuru, agasaba uwo mugwi kwisubirako.
III. Umugabo yitwa Ciza Laurent aba ku mutumba Cibari, zone Munagano, komine n’intara ya Muyinga yarakomeretse cane ejo mu gatondo ko ku musi wa mbere, atemwe kw’izosi n’umuhungu wiwe w’imyaka 39 akoresheje umupanga, nk’uko amakuru ava mu ntwaro aho kuri uwo mutumba avyemeza. Imvo y’ayo makimbirane ngo ni amatati y’amatongo hagati ya Ciza Laurent n’umuhungu wiwe. Nyene gukora ico caha akaba yahavuye afatwa, ubu akaba ari mu minwe y’igipolisi.
IV. Amakenga ni menshi ku muryango wa Niyonkorera Raphaël wo ku mutumba Kinoso, komine n’intara ya Makamba. N’igihe umuryango utabariza uwabo arengeje amezi abiri apfunzwe, kw’itegeko rya buramatari wa Makamba Françoise Ngozirazana. Amakuru dukura muri iyo ntara amenyesha ko amatati afatiye kw’itongo ari yo ari hejuru y’ihagarikwa ryiwe. Bagasaba uwabo ko yorekurwa kuko ariko ararenganywa.
V. Abana barenga imiliyoni 2 n’ibihumbi 700 ni bo bitezwe gucandagwa indwara y’ubukangwe mu gihugu cose, mw’isekeza rigira kabiri rizotangura kuva ku wa 17 Myandagaro kugeza kurya 22 uyu mwaka. Abana batarenza imyaka 7 y’amavuko bashika 879, ni bo batacandazwe mw’isekeza rya mbere riheruka mu kwezi kwa gatandatu. Vyashikirijwe mu ruganda rwo kuri uyu wa mbere n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Muganga Olivier Nijimbere atera akamo abarundi kwitabira iryo sekeza buca ritangura, kugira ntihagire umwana n’umwe ari munsi y’imyaka 7 asigara adacandazwe. Muganga Olivier Nijimbere akaba yabivugiye kuri uyu wa kabiri kuri radiyo Isanganiro.
VI. Kuri uno wa kabiri ni ho umuryango wa kiriziya katolika wahimbaza iyurira mw’ijuru rya Bikira Mariya. Mu nkuka y’imisa yasomewe kuri Cathédrale Regina Mundi, Patiri Viateur Ntarataze yasavye abakirisu ko bofatira akarorero kuri Bikira Mariya yagumye yicisha bugufi kandi yahezagiwe n’Imana. Aha akaba yavuze ko Bikira Mariya yagumye ari hafi ya mwenewabo Elisabeth yari yibungenze ageze mu zabukuru, ivyo akaba yabikoze amaze guterwa iteka n’Imana.