Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/09/2020

Publié le 15 septembre 2020 par Rédaction

I. Mw’itangazo umuhari RED TABARA wasohoye kuri uno wa kabiri, uwo muhari umaze imisi wemanga ibitero biriko biraba mu Burundi, umenyesha ko wahisemwo intambara kuko reta y’Uburundi ibandanya isesa amaraso y’abanyagihugu, ikanka no kuganira n’abanyeporitike bahunze igihugu, kugira isinzi ry’abarundi bahunze igihugu batahuke. Isaba umurundi wese kwifatanya n’uwo muhari kugira babohore abarundi bari mu vyara vy’ubutegetsi bw’Uburundi.

II. Kw’igenekezo rya 15 z’ukwezi kw’icenda uko mwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe demokarasi. Iyo ntwaro rusangi ikaba yatanguriye mu gihugu c’Ubugiriki mu kinjana ca munani, imbere y’ivuka rya Yezu Kristu.

III. Inkingi zokingiye intwaro rusangi zarasenyutse mu Burundi, ama radiyo yashikiriza ivyiyumviro nyavyo mu gihugu yaraturiwe n’ubutegetsi, amatora aribwa mu gihugu, ndetse nta n’ukwihanganirana mu migambwe bihari. Bisigurwa n’umunyaporitike Tatien Sibomana.

IV. Abigisha bane bo kw’ishure ritoya rya ECOFO Mugina mu ntara ya Cibitoke, basaba umuyobozi wabo kubahiriza urwandiko rwasohowe n’abaserukira ubushikiranganji bw’indero, rwo kubaronsa ibirasi bigishamwo muri uno mwaka w’amashure utanguye wa 2020 ushira 2021. Ni mu gihe umuyobozi w’iryo shure yabimye amashure bigishirizamwo, akabategeka  kwirirwa bari munsi y’igiti c’umwembe kiri mu kibuga c’iryo shure. Ivyo abo bigisha biyamiriza.

V. Umunywanyi w’umugambwe CNL muri komine Gahombo mu ntara ya Kayanza amaze imisi ibiri apfungiwe mu gasho k’iperereza mu ntara ya Kayanza. Umuryango wiwe bafise amakenga ku mutekano wiwe kuko batigeze bamenyeshwa aho apfungiwe.

VI. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yaramenyesheje mu mpera z’iyi ndwi iheze, ko COVID19 itakiri ikiza mu Burundi, nk’uko tubisanga ku rubuga rwa twitter rwa Radio-Télévision vy’igihugu ku bijanye n’ikiza ca COVID19. Uyo mushikirangaji yabivuze igihe yari yagendeye ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Muganga Yohani Minani asigura ko havugwa ko ico kiza kitakiri mu Burundi haheze imisi 28 ata mugwayi akiboneka. Kubwa Muganga Minani, iyo ndwara ni nyinshi mu Burundi gusa ngo n’uko hadapimwa abantu bikwiye. 

Ibindi bisa n'ibi