Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/10/2022

Publié le 15 octobre 2022 par Rédaction
I. Abasirikare b’Uburundi baridoga ko hasigaye hibonekeza ubukene bw’ibifungurwa mu makambi, aho bavuga ko biva ku busuma bukorwa na bamwe mu ndongozi mu gisirikare. Iyindi ngorane bavuga ko bafise ni uko batakironswa amafranga agenewe imiryango, asanzwe aharurirwa hamwe n’imishahara.
II. Imyidogo ni myinshi mu barimyi bo muri komine Kayogoro, intara ya Makamba. Bamaze imisi barindiriye ifumbire y’ikizungu y’ihinguriro FOMI. Bavuga ko barishe amahera ya avance, ariko n’ubu ntibabona ikibazo aho kiri. Bakadomako urutoke ku barimu b’indimo n’abajejwe intwaro hasi, ko batariko baraborohereza.
III. Impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya ziratewe umutima uhagaze n’ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya, aho asaba ko impunzi z’abarundi zose zotahukanwa ku nguvu. Nk’uko bamwe mu mpunzi z’abarundi ziri muri ico gihugu baganiriye na radiyo Inzamba babivuga, basaba kurondererwa ubuhungiro mu bindi bihugu, kuko ata mutekano uraboneka mu gihugu c’Uburundi.
IV. Iyo ngingo yafashwe yo gutahisha impunzi z’abarundi ku nguvu, n’ingingo y’agakandamizo iteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu akingira impunzi. Ivyo bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Asigura ko impunzi yonyene ari yo yifatira ingingo yo gutaha bivuye ku gushaka kwayo. Asaba izo mpande zitatu zafashe iyo ngingo kwisubirako, zikamenya ko izo mpunzi zikwiye guhabwa iteka zikwiye.
V. Uno musi, ikiganiro Kw’isoko kiza guhagarara ku bukene bw’abigisha bwibonekeza hirya no hino mu gihugu.

Ibindi bisa n'ibi