Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/11/2019

Publié le 15 novembre 2019 par Rédaction

I. Mu mpera y’indwi iheze twarabwiye irementanya ry’ibitero vyoba biriko birategurwa n’umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho boza bava mu gihugu ca Tanzaniya, bakaza guhungabanya umutekano mu ntara ya Rutana, kugira ngo mu nyuma bavyegeke kuri bamwe mu ndongozi z’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa n’abandi bo mu migwi y’abareberi. Amakuru Radio Inzamba ifise, amenyeshako hari umugwi w’abo bantu bashika 25 bagizwe aha nini n’abakozi b’ipereza, boba baraye bashitse muri iyo ntara ya Rutana.

II. Hari umunywanyi akaba n’umwe mu ndongozi z’umugambwe CNL yitwa Abdallah Hajayandi, aba muri quartier Nyamugari mu gisagara ca Gitega, yaraye afashwe n’igipolisi. Bakaba bamufashe mu gihe bari baje gusaka muri iyo karitiye. Naho ataco basanze muhira iwe, baramutwaye bamwagiriza ko yabagoye gusaka. Umwe mu muryango wiwe, akibaza ko ariko azira ivyiyumviro vyiwe vya politike.

III. Umunyororo agira kabiri yarakuwe mw’ibohero rya Ngozi, kuri uyu wa kane inyuma ya Adjudent-chef Nimubona Ildephonse, yatwawe ku musi wa gatatu. Kuri uyu wa kane, hatwawe uwitwa Claude, nawe nyene akaba yahamagawe n’icegera c’uwutwara ibohero rya Ngozi, imbere yuko atwarwa mu kibanza n’ubu kitaramenyekana. Iryo kurwa mw’ibohero ryabo banyororo babiri rikaba ryateye amakenga abanyororo, mu gihe batazi ico bakuriwe ngaho bafungiwe. Abize ibijanye n’amategeko bakiyamiriza ihonyangwa ry’amategeko akingira abanyororo.     

IV.  Abanyororo bo mu Mpimba na Rumonge, nibo baza kw’isonga ry’abanyororo bahohotewe mu kwezi kw’icumi guheze, nkuko tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe rukritsu ACAT Burundi rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Abanyororo bafunzwe bazira ivyaha vya politike, akaba aribo bahohoterwa gusumba abandi. Bamwe mu barongoye ayo mabohero, baradomwako urutoke, kuba bafise uruhara runini muri ayo mabi. Iryo shirahamwe ACAT Burundi, rigasaba leta y’uburundi kworosha ubuzima bw’abo bapfungwa, mu kwitaho cane cane amagara yabo. Jean Claude Ntiburumunsi ari mu gisata c’amategeko muri ACAT.

V. Abantu babiri baraye bakomeretse ku maguru barashwe, mu gihe bariko baragerageza gutabara umudandaza batazira Mwarabu, yarahejeje kwibwa n’abasuma. Ivyo bikaba vyabaye mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Nyarugusu muri zone ya 9. Izo mpunzi zikavuga ko zidatahura ingene abantu birigwa baribwa kandi ikambi icungerewe n’aba polisi hamwe n’abasungusungu. Bagasaba ko umutekano wokongererezwa kurusha.                                   

VI. Abanyamitahe bagura bakongera bakagurisha amafaranga y’agaciro, bategerezwa kwubahiriza ibitigiri bishingwa n’ibanki nkuru ya republika y’uburundi BRB. Ivyo n’ivyashikirijwe na  Prosper Ngendanganya, umuyobozi w’igisata kijejwe igenzura muri iyo banki kuri uyu wa kane mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Prosper Ngendanganya amenyeshako umuntu wese atazokwubahiriza amategeko mashasha azohanwa nk’umwansi w’igihugu.

VII. N’inkuru nziza ku banyagihugu bo muri zone ya Buterere. Batatu muribo bari bamaze iminsi ine bafungiwe mu biro bijejwe gukora amatohoza BSR, barekuwe. Bari bahagaritswe n’uwujejwe umutekano mu gisagara ca Bujumbura. Bakaba bagirizwa kuba bagumuye abanyagihugu bo ku Buterere, kugira banke ko imodokari zizana imicafu ivuye mu yandi ma karitiye yo mu gisagara ca Bujumbura ; imicafu yasukwa hafi y’imihana yabo aho ku Buterere. Ariko rero n’aho barekuwe, abanyagihugu bakaba banegura ingene bafunzwe imisi ine yose, bakarekurwa batanarengutse imbere y’umu OPJ kugira bisigure, ivyo ngo bikerekana ko bafunzwe kugikenye. 

                

Ibindi bisa n'ibi