Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/11/2022

Publié le 15 novembre 2022 par Rédaction
I. Umunyororo umwe azwi kw’izina rya Claver Niyonkuru yaraye yishwe arashwe n’abapolisi bacungera ibohero rikuru rya Mpimba, mu gihe yaratorotse. Amakuru dukura mu begereye ibohero, avuga ko abanyororo cumi n’umwe ari bo bashoboye gutoroka, abandi batatu na bo barafatwa muri 15 bari batorotse ibohero. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere ushira uwa kabiri. Amasasu atari make akaba yaraye arumvikana mu bice bitandukanye bikikuje ibohero rikuru rya Mpimba, mu gisagara ca Bujumbura. Ayo makuru nyene yemeza ko ayo masasu yarashwe n’abapolisi bacungereye ibohero mu gihe bariko bagerageza kubuza abanyororo bariko bashaka gutoroka.
II. Uburundi busabwa gutanguza ibiganiro n’abo butavuga rumwe bafashe inzira y’ibigwanisho bahurikiye ku butaka bwa Congo. Ivyo ni bimwe mu vyo bamwe mu bagize leta ya Congo muri Kivu y’ubumanuko basavye Uhuru Kenyatta, umuhuza mu karere ka Africa y’ubuseruko, nk’ukwo tubisanga mw’ibaruwa ryashizwe ahabona kuri uyu wa mbere.
III. Ama dossiers yababa ibihumbi 7 ni yo yashikirijwe ibiro vy’umuhuza w’abarundi mu myaka itandatu iheze. Mu yagera ku 1878 yarakiriwe, 502 yaratorewe umuti, na yo ayagera ku 784 aracigwa. Biri mu vyaranguwe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana, mu myaka itandatu iheze. Yabishikirije mu kiganiro yatanze kuri uno wa kabiri, ashira ahabona imbere y’inama nshingamateka, ivyaranguwe n’urwego arongoye. Mu bikorwa bitegekanijwe mu nama nshingamateka kuva ku wa 14 Munyonyo gushika ku wa 25, harimwo itorwa ry’umuhuza mushasha w’abarundi agira gatatu. Ikiringo ca Edouard Nduwimana kikaba kizorangira kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo uyu mwaka.
IV. Abacamanza basabwa gukora buzuriza neza ababituye. N’akamo gaterwa n’umushikiranganji w’Ubutungane. Domine Banyankimbona yabivuze ku munsi wa mbere aho yari mu mubonano yagiranye n’abanyagihugu be n’abakozi bo mu gisata c’ubutungane mu ntara ya Cibitoke. Abo banyagihugu bakaba bidogera ubutungane kudindiza imanza zabo, n’ingene izaciwe ziteba gushirwa mu ngiro.
V. Abakoresha igituro c’imiduga yunguruza abantu mu Mabanda, ni mu ntara ya Makamba, baridoga ko ico gituro kirangwamwo umwanda. Bavuga ko ico gituro gishasha kitagira utuzu twa surwumwe, ari co gituma hari bamwe bituma inyuma y’utuzu tw’uburiro canke mu miserege ikikuje ico gituro. Abo banyagihugu co kimwe n’abandi baba hafi yaho, basaba abarongoye komine Mabanda kwikubita agashi, kuko hashobora kwaduka indwara zivuye kw’isuku rike.
VI. Impene n’intama zirenga imiliyoni zitatu ni zo zitezwe gucandarwa mw’isekeza ryatanguye kuri uyu wa mbere, kugira zirindwe indwara y’akaranda izibangamira. Muri iryo sekeza ryatanguriye muri zone Ndava, komine Buganda y’intara ya Cibitoke, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Sanctus Niragira, yasavye aborozi bafise ivyo bitungwa bitarenza amezi atatu kwitabira ari benshi iryo sekeza.

Ibindi bisa n'ibi