Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/11/2023

Publié le 15 novembre 2023 par Rédaction
  1. Mu gihe hasigaye hafi umwaka n’igice kugira hatunganywe amatora mu Burundi, icibonekeza n’uko ibihe vya politique uko vyifashe uno musi bibandanije, ayo matora azobamwo akarengane. Umugambwe uri ku butegetsi ntuhisha intumbero yawo, aho n’abawurogoye bawitiriye ko ari igihugu, ico bita « parti-Etat » mu gifaransa. Kukaba nka kwo, ubu ni wo wonyene wihariye urubuga, kandi umwanya wose. Umugambwe utavuga rumwe na leta umwe wonyene usa n’uwoba wogira inguvu, ukaba warafatiwe ingingo y’uko ata burenganzira ufise wo gutunganya ibikorwa mu gihugu. Ivyo bikaba bihushanye n’itegeko rigenga imigambwe.
  2. Itegeko rigenga imigambwe ryarahinduwe mu ngingo za ryo zimwe zimwe bituma leta yivanga mw’itunganywa ry’imigambwe. Bishikirizwa na Me François Nyamoya yanonosoye ivy’amategeko akaba n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD. Akarorero atanga kandi kuri we gasigura vyinshi, ni ingorane ziri mu mugambwe CNL zaturutse kw’ihindurwa ry’iryo tegeko.
  3. Ibiriko biraba uno munsi no mu myaka yaheze vyarabaye. Ivyo bivurwa na Eugene Nindorera yahoze ari umushikiranganji aho afatira ku matora yambere yo mumwaka wi 1993 yarashimikiye ahanini kumacakubiri y’ubwoko. Eugene Nindorera agasigura ko hari hafashwe ingingo kugirango ivyo ntibibe ariko ntizashizwe mu ngiro. Uwo yahoze muri Leta yu Burundi afatira no kubiganiro vyi Arusha aho hari imigambwe ya G7 ihurikiyemwo abahutu na G10 yarimwo abatutsi. Ivyo bikagaragaza ko naho hariho amategeko atomoye atakwirikijwe nkuko biri uno munsi aho iyindi migambwe atari uwuri kubutegetsi ikumirwa kandi amategeko ahari atomoye.
  4. Uretseko iryo tegeko rigenga ingene imigambwe ikora ririmwo utunenge dutandukanye, usanga rikumira imigambwe imwe imwe mw’ishigwa mu ngiro ryayo. Ivyo bivugwa n’umuhinga Aimé Parfait Niyonkuru yakoze icigwa kuri iryo tegeko. Ahanura abarundi na cane cane abategetsi kuvavanura n’ingeso yo kutubaha amategeko uko aba yanditse.
  5. Hatagize igikozwe, intwaro rusangi iriko iratituka kuko muri politike umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD ariwo wonyene wiharije urubuga. Intwaro rusangi ivugwa n’abategetsi ngwikaba ihushanye nivyo bakora kuko atamwidegemvyo ukwiye urangwa mu migambwe. Ivyo akaba ari navyo vyatumye amashirahamwe atatu yigenga atunganya igikorwa co kwiga mu mizi itegeko riraba ingene imigambwe ikora mu gihugu. Kubwa Niyungeko Gordien umwe mubaserukira ayo mashirahamwe yagize ico cirwa, ngo namategeko ahari make meza, nta gushaka kwo kuyashira mu ngiro ukwari.
  6. Kurutwo tunenge tuvugwa muriryo tegeko rigenga uko imigambwe ikora mu Burundi, amashirahamwe FOCODE, SOS TORTURE Burundi na COSOME bimwe muvyo asaba leta harimwo gutegura itegeko rigenga uko imigambwe ishigikirwa mu buryo baheze barirungike mu nama nshingamateka hamwe no gufata kumwe imigambwe ata nkunzi mu ntwaro no mubikorwa vyayo.

Ibindi bisa n'ibi