Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/12/2019

Publié le 15 décembre 2019 par Rédaction

I. Abanywanyi batandatu b’umugamwe CNL, bahora bapfungiwe mu gasho ka commune MUSIGATI, y’intara ya Bubanza, kuva ku w’Imana uheze, bimuriwe mu gasho ka parake y’intara ya Bubanza. Abo bafashwe bagirizwa kugomba guhungabanya umutekano w’iguhugu, ngo bazorekurwa amatora aheze yo mu mwaka wa 2020, nk’uko ngo abapfunzwe babibwirwa. Abo banywanyi ba CNL bagifatwa, bagirizwa gusiga irangi ingoro y’umugambwe ku mutumba Kanazi, mu masaha y’ijoro aho babwiwe ko binyuranye n’amategeko.

II. Mu makuru ajanye n’agateka ka zina muntu, abantu batatu nibo bamenyekanye ko bishwe, abagera 13 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko muri ino ndwi turiko turasozera. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo gisohoka ku ndwi ku ndwi c’isekeza SOS Torture Burundi. Muri abo bantu bose bahagaritswe, uretse umwe gusa, abandi n’abanywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa.  Abakekwa gukora ayo mabi yose, ni bamwe mu nzego z’umutekano hamwe n’urwaruka rw’IMBONERAKURE z’umugambwe CNDD-FDD. Ico cegeranyo c’isekeza SOS Torture Burundi, kiravuga kandi umukenguzamateka yashatse kugandagura abantu babiri harimwo umukenyezi wiwe.

III. Abarundi baba mu Burundi barahagaritswe umutima n’iyugarwa ry’urubuga ngurukana bumenyi YouTube, haraciye imisi ibiri. Kubw’abo barundi baganiriye na Radio Inzamba, ngo urubuga YouTube rwari rubafitiye akamaro kanini na cane cane mubijanye no kwungura ubwenge. Bagasaba Leta kugira ibishoboka urwo rubuga rukugururwa.

IV. Abanyagihugu muri kino gihe c’iterambere ry’ubuhinga bwa none, ngo barafise inyungu nyinshi mu gukurikira ibica ku mbuga ngurukana bumenyi kuko hacishwa amakuru menshi abagirira akamaro. Bivugwa na Jean Régis Nduwimana umushakashatsi mubijanye n’ukungene ibimenyeshamakuru bikora. Ngo hamwe leta y’Uburundi yoba ifise uruhara mw’ihagarikwa ry’urubuga rwa YouTube, ngo n’uko yoba ishaka ko abanyagihugu baronswa amakuru leta ishatse nk’uko bikorwa mu bihugu bitwaza umukazo.

V. Urunani CBDH-VICAR ruhurikiyemwo amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi z’Abarundi bahungiye mu bihugu bitandukanye vy’akarere ka Africa y’ubuseruko, ruratabariza impunzi z’Abarundi barenga 2000 baherutse guhungira i Mulongwe mu gihugu ca Congo iharanira Demokarasi muri uku kwezi kwa Munyonyo. Izo mpunzi zikaba zibayeho nabi kuko atawurazigarukirako, bagatinya mbere kwandura indwara zifatira kw’isuku rike, umvirize Léopold Sharangabo ni icegera c’uwurongoye urunani CBDH-VICAR.

VI. Uburundi buguma buri mu bihugu vya nyuma kw’isi mw’iterambere. Ivyo vyibonekeza mu vyegeranyo bitandukanye bikorwa n’amashirahamwe atari make. Icanyuma kikaba ari ic’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD c’uwu mwaka wa 2019, aho Uburundi bufise ikibanza ca 185 ku bihugu 189 vyakozwemwo amatohoza.

VII. Kuri uno munsi w’Imana, urwaruka rw’abarundi rwahungiye mu gihugu kibanyi c’u Rwanda, rwatunganije ibirori vyerekana uko umunsi mukuru w’umuganuro wahora ugenda. Baba abatunganije ivyo birori bamenyeshako umuganuro ari umunsi mukuru watuma abarundi babona ko bari umwe, ku ruhande rw’abavyitavye nabo, bagahimiriza impunzi gushira ibikorwa imbere, ngo kuko hariho abumva ko kwitwa impunzi womengo bisigura ko harivyo badashoboye.

Ibindi bisa n'ibi