I. Abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bo muri komine Nyanza Lac iri mu ntara ya Makamba bariyamiriza imvugo y’iterabwoba yakoreshejwe n’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe Reverien Ndikuriyo kuri uwu wa gatanu uheze, muri iyo komine nyene. Uwo mutegetsi ngo yaragabishije uwo wese yohirahira akadoma urutoki ku bintu bitagenda neza muri iyo komine. Abanywanyi b’uwo mugambwe CNDD-FDD bakavuga ko iyo mvugo iteye kubiri n’ivyo umukuru w’igihugu asaba.
II. Umuryango wa Dr Christophe Sahabo yahora arongoye ibitaro Kira amaze amezi 9 apfunzwe, urasaba ushimitse umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye gukoresha ububasha afise akarekuza Dr Sahabo. Ivyo biri mw’ikete uyo muryango wandikiye umukuru w’igihugu kuri uyu wa mbere. Uyo muryango umenyesha ko Dr Sahabo kuva afatwa agapfungwa ata kintu na kimwe kimwagira uretse irementanya yakorewe.
III. Imiyabaga 1122 ni yo yakoze ikibazo co kwinjira muri kaminuza ya gisirikare ISCAM, hari kuri uyu wa gatandatu uheze. Muri abo, umuvugizi w’igisirikare Colonel Floribert Biyereke, amenyesha ko harimwo abahutu 691, mu gihe abatutsi ari 226, abo mu bwoko bw’abatwa 7. Mu bitavye ico kibazo kandi harimwo abigeme 200. Colonel Biyereke akavuga ko inyuma y’ico kibazo, hariko haratunganywa ikibazo co kwinonora imitsi kizoba ku wa 21 Nzero 2023.
IV. Kubw’urunani rwa politike CFOR-Arusha, ivyo bitigiri bakoreyeko ntivyisunze amasezerano y’amahoro ya Arusha ategekanya ko mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi, abahutu baba ari 50% n’abatutsi 50%. Jean Bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye urunani CFOR- Arusha, aranegura iryo honyangwa ry’amasezerano ya Arusha, agasaba ubutegetsi kwama bwisunga ayo masezerano kugira abarundi bose bumve ko batekaniwe.
V. Igihugu c’Uburundi ntaco kiriko kirakora kugira kinagure ubutunzi bwaco mu gihe ingwano Uburusiya bwateye muri Ukraine iriko irasubiza inyuma ubutunzi bw’ibihugu kw’isi. Vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Mu mafranga leta ikoresha ku mwaka ku mwaka, yategerezwa guha ikibanza kinini ibisata vyinjiza cane, harimwo ic’uburimyi.
VI. Ingurube zirenga 50 ni zo zimaze guhitanwa n’indwara itaramenyekana mu gihe kiri musi y’ukwezi, ku mitumba irenga 10 mu yigize komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, nk’uko amakuru atandukanye ava mur’iyo komine abimenyesha. Musitanteri wa komine Giteranyi, Floride Nduwayezu, agategeka mw’itangazo yasohoye ku munsi wa gatandatu, ko ata ngurube n’imwe iri ku mutumba umaze kwibonekezako iyo ndwara, irekuriwe kuva ku muhana ija k’uwundi canke ngo irenge umutumba.
VII. Abanyeshure biga mu mashure mato mato bo mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya ntibize nk’uko bisanzwe. Amakuru ava muri iyo kambi, avuga ko batonze nk’uko vyahora ariko abana n’abarimu babo baca basubizwa inyuma batamenyeshejwe igituma, n’igihe bazosubirira ku mashure. Ariko rero abavyeyi bibaza ko vyoba vyavuye kw’inyinyurana ry’amashirahamwe abiri ajejwe igisata c’indero muri iyo kambi.
VIII. Mu makuru y’inkino yaranze indwi twaraye turangije; muri Basketball, umugwi w’Urunani ni wo waraye utahukanye igikombe ca playoff, gutyo uca uhabwa n’ibahasha irimwo imiriyoni 5 z’amarundi. Mu nkino za tennis naho, Uburundi ni bwo bwatahukanye ikibanza ca mbere mu bahungu muri rya higanwa ry’akarere ryariko ribera I Bujumbura, mu gihe Kenya yabaye iya mbere mu bigeme.