I. Abahungu b’imisore babiri bariko bakora ikibazo c’ukwinjira mu gisirikare, baraye bitavye Imana kuri uwu wa mbere, mu gisagara ca Kayanza. Imbarutso akaba ko ari ugusiganwa biruka ku rugendo rw’ibirometero bitandatu.
II. Abantu batatu nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, abandi batatu baranyuruzwa. Ivyo biri mucegeranyo c’umuhari Ligue Iteka uharanira agateka ka zina muntu, co kuva kuwa 8 gushika kuwa 13 Ruhuhuma 2021. Ayo mabi akaba akorwa na zimwe mu mbonerakure hamwe na bamwe mu bajejwe umutekano. Umuhari Iteka ubicishije ku cegera cawo usaba ko ubutungane bukora, abakora ayo mabi bagahanwa. Emmanuel Nibizi n’icegera c’uwurongoye Ligue Iteka.
III. Ubwoba ni bwinshi ku muryango w’umugabo wo muri komine Rumonge, aho ariko agirwako iterabwoba ko ashobora kwicwa, abamutera ubwoba bakaba baramaze no kumwandikira urwandiko rumubwira ko iminsi yiwe iharuye. Ico yagirizwa, ngo n’uko avuga ibitagenda neza muri iyo komine. Umuryango wiwe ugasaba ko umutekano w’uwabo wokingirwa kuko ataco azira.
IV. Abakomiseri b’amasoko n’abatoza amatagisi mu gisagara ca Bujumbura sibo gusa barya ibiturire canke banyuruza amatungo ya leta, ahubwo n’akaranda kari muri Mairie ya Bujumbura yose. Ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umushakashatsi mu bijanye n’ubutunzi. N’inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ry’ama komine Gervais Ndirakobuca ashikirije kuri uwu wa mbere ko amafranga angana imiliyoni 121 anyuruzwa n’abo batoza amatagisi ya Mairie, ku ndwi ku ndwi. Faustin Ndikumana asaba ko bitogarukira aho, ngo nihatunganywe gushasha uko ayo mafranga atozwa.
V. Ikindi ngo n’ukuraba ko ayo mafranga yinjiye mu kigega ca Mairie ya Bujumbura atanyuruzwa no mugukoreshwa. Faustin Ndikumana.
VI. Haribonekeza ikena ry’amazi muri site Maramvya, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Ababa muri iyo site bavuga ko bafata urugendo rurerure kugira baronke amazi meza, ariko bakemeza ko hari igihe imodoka y’igipolisi ibazanira amazi bakagira amakenga ko bashobora kwandura indwara ziturutse kw’isuku rike. Bagasaba ko bokungururizwa mu kindi kibanza.
VII. Mu makuru yacu y’ejo kuwa mbere twarababwiye ko ku musi wa gatanu ariho hatowe uwugiye kurongora sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI akaba yatowe n’ama leta agize iyo sentare. Umushingwamanza Karim Khan niwe yatowe kuba umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Ntiyatowe kuba umukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha nkuko twabibabwiye. Uwatowe kurongora iyo sentare n’uwitwa Chile Eboe Osuji.