I. Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bujejwe kwunguruza abantu n’ibintu yaraye akuwe muri ayo mabanga kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuri uno wa 15 Ruhuhuma. Albert Maniratunga azira gutwara nabi mu gufata ingingo zitabereye mu mabanga ajejwe. Umukuru w’igihugu akaba yaheruka kumugabisha ku mugaragaro haraciye amezi 6.
II. Muri Clinique Prince Louis Rwagasore harangwa akajagari gaturutse mu gutanga akazi. Umuyobozi w’ivyo bitaro yazindutse afata ingingo yo gufuta ibibazo vyakozwe kuri uyu wa mbere n’uwa kabiri ; yongera aca ahagarika n’ibikorwa vy’umugwi wari ujejwe gukoresha ibibazo. Intandaro ya vyose nk’uko bivugwa mw’itangazo ryashizwe ahabona na Dr Bonite Havyarimana arongoye ivyo bitaro, ngo ni utunenge twibonekeje mu bihe abasavye akazi bariko bakora ibibazo.
III. Abanyagihugu ntibashima ukuntu bakirwa mu gisata c’ububiko bw’impapuro ndangatongo bikorera i Bujumbura, Titres fonciers mu rurimi rw’igifaransa. Bavuga ko abajejwe ico gisata bashobora kumara amezi atanu barondera dosiye, ariko bakayibura. Ivyo ngo bitanga ishusho mbi kuri ico kigo, bikanatuma n’amafranga atinjira nk’uko bikwiye, kuko abakiriya bayasubirana inyuma mu gihe yari kwinjira mu kigega c’ico kigo. Abafise ama dosiye muri ivyo biro, basaba abarongoye igisata c’ububiko, gutunganiriza neza kandi n’ingoga ababitura, ku nyungu z’abanyagihugu n’iz’ico gisata.
IV. Umunyagihugu wo muri zone Gitaza ya komine Muhuta mu ntara ya Rumonge Vénuste Butoyi, yari amaze hafi indwi mu gasho k’igipolisi yagirizwa urupfu rw’umuntu kandi akiri muzima, yarekuwe ku mutaga wo kuri uyu wa gatatu. Vénuste Butoyi yarekuwe inyuma yaho umukozi yahora akoresha yaje ava mu ntara ya Muyinga, ari nawe yagirizwa kuba yaragandaguye, abonetse mu Gitaza ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri. Bamwe mu mbonerakure zari zamufatishije baragerageje kuvuga ko atari we mukozi wiwe, ariko ababanyi ba Butoyi Vénuste babatera ivyatsi. Abanyagihugu bo mu Gitaza barashimira inyamiramabi yakoze amatohoza kugira ngo uko kuri kuje ahabona.
V. Imvo zatanzwe n’ubumwe bwa Bulaya ku vyerekeye gusubira gufasha Uburundi nta nsiguro ifashe zifise. Biri mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye kuri uyu wa kabiri. Kubwa Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’uyo mugambwe, MSD izobandanya urugamba yishinze rwo guharanira amasezerano y’amahoro y’i Arusha, bigaragarako ubumwe bwa bulaya butacibuka, kandi bwarayahagarariye agiterwako umukono.
VI. Abarundi baba mu gihugu c’Ububiligi bariko baritegurira imyiyerekano izoba kuri uyu wa gatandatu i Bruxelles ku murwa mukuru mu gihe umukuru w’igihugu c’Uburundi ariyo ari mu nama ya gatandatu ihuza ibihugu vya bulaya n’ivya Africa. Iyo myiyerekano izoba ifise intumbero yo kwiyamiriza ubwicanyi, ukunyuruza abanyagihugu, ugufata ku nguvu abakenyezi n’abigeme bikorwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Jean Bosco Rwigemera ari mu bariko baratunganya ico gikorwa, ahamagarira abarundi baba ku mugabane wa bulaya kubashigikira muri ico gikorwa co gusaba ko abarundi basubira kuronka amahoro. Jean Bosco Rwigemera, ni umwe mu bajejwe gutunganya iyo myiyerekano akaba ari n’icegera c’uwurongoye CFOR-Arusha.
VII. Abasirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Somaliya mu rwego AMISOM basabwe n’abaserukira ubumwe bwa Afrika ko boronswa bose urucanco rukinga indwara y’ikiza ca Covid-19. Bamwe mu basirikare ntibashaka guhabwa urwo rucanco. Basabwa kujijuka bagafata urwo rucanco canke bahagarike akazi bajemwo, haze abandi bemera kuronswa urwo rucanco. Abo bamenyekanye igitigiri bariko banka urucanco ni abari ahitwa Biocadal. Amakuru ava mu bindi bibanza yemeza ko hari ibirindiro biriko abanse urucanco barenga 10. Abarongoye ingabo z’Uburundi muri Somaliya bariko bagerageza kubagondoza ngo ntibabere intambamyi igihugu na bagenzi babo.
VIII. Ubushikiranganji bw’indero bukwiye gusohora itegeko rihana umuntu wese akuye umwana mw’ishure. Bishikirizwa na Eulalie Nibizi yahoze ari umwigisha akongera akarongora na Sendika y’abigisha STEB. Ku bwiwe ngo leta ikwiye kuja hamwe n’abigisha eka n’abavyeyi, bagaheza bakegera abo bana baheba amashure mu kubabaza icabibatumye. Ku bwa Eulalie Nibizi ngo ikibanza c’umwana ni kw’ishure no mu muryango. Abivuze mu gihe mu ntara y’uburezi ya Kayanza mu mwaka 2021 ushira uwa 2022 mu gice ca mbere gusa hahevye ishure abana barenga 5000.
IX. Umugwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru w’Uburundi w’abigeme uhejeje kwirahira igihugu ca Djibouti mu kugitsinda ibitsindo 6 kuri kimwe. Ni mu ntumbero yo kurondera ibihugu bizitabira igikombe ca Africa kizobera muri Maroc kuva igenekerezo rya 2 gushika irya 23 ukwezi kw’indwi umwaka 2022. Urukino rwo gusubiriza ruzoba ku musi w’Imana i Buye ku kibuga Urukundo. Djibouti yahisemwo gukinira i Burundi inkino zose uko ari zibiri, kuko ikibuga cabo kiriko kirasubirwamwo. Atari igisida Uburundi buzoba buri muri izo nkino za nyuma za Afrika zihuza abigeme zizobera muri Maroc.