I. Ingenzi ziva mu gihugu c’Urwanda zija mu Burundi, kuva kuri uyu w’Imana, zarankiwe kubandanya urugendo rubashikana iwabo. Zikaba zaciye zitwarwa mu ntara ya Ngozi, zivanywe ku mupaka wa Kanyaru. Aho zegeranirijwe kugira zipimwe ko zitoba zifise umugera w’indwara ya Corona, mu gihe imaze kwibonekeza mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Aho bari begeranirijwe, bakaba bari mu buzima budashemeye. Mu nyuma hahavuye hafatwa ingingo yo kurekura bamwe muri abo bari bahagaritswe.
II. Kubwa Tatien Sibomana, umunyapolitike, amenyesha ko gushira abantu hamwe kugira bakinge ko ikiza cinjira mu gihugu ari vyiza, ariko agasaba reta ko misi yose imbere yogufata ingingo yobanza ikitegura. Akanegura ukuntu abo bashizwe muri paramedicale I Ngozi bafashwe nk’inyamaswa.
III. Abamenyeshamakuru bahamagarirwa kwubahiriza akarangamutima k’umwuga mu gihe c’amatora cimirije. Ivyo bikaba biri mw’ijambo ry’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, hari igihe yariko arugurura inama ihuza abamenyeshamakuru, abayobozi b’ibimenyeshamakuru hamwe n’inzego zicungera ibimenyeshamakuru, kubijanye n’amatora yimirije mu kwezi kwa gatanu. Ariko rero urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ rubona ko uko ari ukwivanga mu gikorwa c’abamenyeshamakuru, arivyo bituma ubwigenge bwo kumenyesha amakuru butubahirizwa.
IV. Urunani rw’imigambwe n’abanyepolitike baharanira amasezerano y’Arusha CFOR-ARUSHA, ruriyamiriza rwivuye inyuma amatora yo 2020, ashimikiye kw’ibwirizwa nshingiro ryo muri 2018. Ni mu gihe urwo runani rwasohoye urwandiko, aho rwiyamiriza ikumirwa ryibonekeza ku migambwe itavuga rumwe na reta, mw’itegurwa ry’ayo matora. Chauvineau MUGWENGEZO, arongoye urwo runani, aratwiganirira ibiri muri urwo rwandiko.
V. Abagizi ba nabi baratemaguye, mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu, umurima w’ibitoke n’amateke vy’uwitwa SIMBIKANGWA Abdallah, ku mutumba Muvyuko, komine Busoni, intara ya Kirundo. Amakuru ava aho i Busoni, akamenyesha ko uwo Abdallah yazize ko ari umunywanyi w’umugambwe CNL, imbonerakure akaba arizo zikekwa kuba zaratemaguye uwo murima.
VI. Umu kandida w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, ngo ntakwiye kwitwara nk’uwamaze gushikira intebe y’umukuru w’igihugu. Hamwe bibaye uko, indinganizo y’amatora ntaco yoba ikivuze. Ivyo biri mu cegeranyo c’ukwezi kwa kabiri c’ishirahamwe ry’abanyagihugu b’intungane, Réseau des Citoyens Probe. Ico cegeranyo kiragaruka kandi ku bikorwa vy’umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, bimaze gutorwa utunenge. Gervais NIBIGIRA, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe.
VII. Umusirikare umwe w’Uburundi ari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Centre-Afrique, mu rwego rwa ONU, yaraye aguye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho Anti-Balaka, ahitwa Grimari mu ntara ya OUAKA, hagati mu gihugu ca Centre-Afrika. Ni amakuru yemezwa n’ibiro bikuru vya Minusca.