I. Ishure ryisumbuye ry’iseminari yitiriwe umweranda Piyo w’icumi ryegukira Diyoseze ya Muyinga, muri kino gihe rifise ikibazo c’umuyagankuba. Bikaba vyavuye ku kwononekara haraheze ukwezi, kw’icuma kiyungurura umuyangankuba ku muhora utwara amatara kur’iryo shure. Ingaruka zivuye kwikena ry’uwo muyagankuba rikaba ritatevye kwiyerekana, nkuko amakuru ava kur’iryo shure abimenyesha.
II. Haraheze ukwezi kurenga hari umukenyezi ariko arivuriza mu bitaro vy’i Makamba inyuma y’aho akubaguriwe n’umubanyi wiwe akamukomeretsa. Nk’ukwo ababanyi b’uwo mukenyezi babivuga, uwamukubaguye yitwa Juma akaba asanzwe ari umurovyi. Bakaba banegura ingene uyo Juma n’ubu acidegemvya, abajejwe intwaro bakaba bavuga ko barindiriye ko uwakubaguwe agira mitende kugira bamufashe gushengeza uwamugiriye nabi.
III. Abegereye umuryango wa Emmanuel Ntakiyiruta, umukozi mukuru mu bushikiranganji bw’ibidukikije basaba ko yorekurwa kuko ivyaha yagirizwa atabikoze nkana, kuko asanzwe afise uburwayi bwo mu mutwe amaranye imyaka 26. Bavuga ko kubona apfunzwe bituma asinzikara kurusha, ngo kuko numuti hari hageze ko aterwa adashobora kuwutererwa mu gasho. Umwe mu begereye umuryango wiwe niwe abitubwira.
IV. Abanonosoye ivyigwa vy’amategeko bamenyesha ko iryo fungwa rinyuranye n’amategeko. Uwo Emmanuel Ntakiyiruta akaba yafashwe inyuma y’aho agiriye kw’ibohero rikuru rya Gitega, agasaba ko abafunzwe bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi borekurwa.
V. Abantu icenda nibo bishwe mu kiringo c’indwi imwe gusa. Muri abo, bane batowe ibiziga, uwundi nawe arasinzikarizwa ubuzima. Mur’ico kiringo c’indwi, abantu umunani nibo bamenyekanye ko bahagaritswe bidaciye mu mategeko. Abagirizwa ayo mabi bakaba ari abari mu nzego z’igipolisi n’urwaruka rw’imbonerakure, bafadikanije n’abajejwe intwaro nk’ukwo biri mu cegeranyo c’umuhari Iteka uharanira agateka ka zina muntu Iteka.
VI. Ikiringo kitarenze indwi zibiri nico cahawe abafise utuzu tw’ubudandarizo bukikuje isoko yo kw’i Jabe mu gisagara ca Bujumbura. Ni mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Gervais Ndirakobuca, yari yagendeye aho kw’isoko inyuma y’umutaga wo kuri uno munsi wa kabiri. Abajejwe intwaro ku nzego zo hasi ngo ntibitavye ako kamo nkuko bari babitegetswe. Uwo mushikiranganji akaba yasavye ko borondera ibibanza hagati muri iyo soko, ngo kuko kubaka hejuru y’umuserege bishobora guteza amasanganya. Ibi n’inyuma yaho haheze hafi ukwezi atanguje isekeza ryo kubomora utuzu tw’ubudandarizo twubatse hadakurikijwe amategeko.