I. Umwe mu mbonerakure zo muri zone Buterere muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, yaratowe ari ikiziga kuri uno wa kabiri mu buruhukiro bw’ibitaro Prince Régent Charles. Albert Niyomucamanza yahoze mu gisirikare ca kera Ex-Fab, yari yabuzwe irengero kuva ku musi w’Imana uheze, aho yari yagiye avuga ko yitavye inama ibera muri zone Kamenge. Mu begereye umuryango wiwe, bakaba bataramenya ico urupfu rwiwe rwoba rwaravuyeko, bagasaba ko hoba amatohoza kuri urwo rupfu.
II. Abasirikare 3 bakorera mu gisata c’iperereza rya gisirikare, bari bamaze amezi arenga atatu bafungiwe mu gasho k’iperereza ry’igihugu, bararekuwe mu mpera z’indwi iheze. Bose baciye basubizwa mu bisata bakoreramwo. Bimwe mu vyo bakurikiranwako, harimwo kunyuruza abantu bakaburwa irengero.
III. Abasirikare b’abarundi bari kumwe n’imbonerakure bababa 400, barajabutse uruzi Rusizi baja mu gihugu ca Congo mw’ijoro ry’uwa Mungu ushira uwa mbere. Abo basirikare begeranijwe bakurwa mu ntara zitandukanye za gisirikare bagiye gusubirira abasirikare bari bamazeyo amezi arenga abiri. Ku ruhande rwa leta y’Uburundi barahakana ko ata basirikare bafise muri ico gihugu.
IV. Abanyeshure 16 harimwo abigeme 13 n’abahungu 3, nibo birukanywe ubutakigaruka, n’abagize urwego rujejwe inyifato kw’ishure shingiro ryitiriwe Umwamikazi w’Abamaratiri ry’i Muramba, ni mu buyobozi bw’indero bwa komine Buhinyuza mu ntara ya Muyinga. Iyo ngingo yafashwe haraciye indwi, ku mvo zo gutwara inda no gutwaza inda bagenzi babo, nk’ukwo amakuru ava kuri iryo shure avyemeza.
V. Iyo ngeso yo gutwara inda z’ishushu mu mashure irateye impungenge abakurikiranira hafi ibijanye n’indero mu mashure. Eulalie Nibizi yahoze arongoye sendika STEB avuga ko hogwizwa inyigisho mu mashure, kugira abana bamenye ikizira. Ababashurashuza nabo ngo bahanwe bimwe vy’akarorero.
VI. Ubukene bw’igitoro bwasubiye kwibonekeza mu ntara ya Rumonge. Amakuru ava muri iyo ntara akaba avuga ko bamwe mu bunguruza abantu n’ibintu muri iyo ntara, basigaye bagituma mu gisagara ca Bujumbura, ibica bituma haba ingaruka zitari nke na cane cane iduzwa ry’ibiciro ku bidandazwa vya nkenerwa. Abo bunguruza abantu n’ibintu co kimwe n’abiyunguruza ubwabo, bakaba basaba ko ico kibazo c’igitoro cotorerwa umuti.
VII. Ibiciro vy’ibifungurwa vyaraduze ku rugero rudasanzwe mu ntara ya Ngozi. Ivyo biciro bikaba vyaduze kuva aho igitoro kidugiye, haraheze indwi zibiri. Abanyagihugu basaba abajejwe intwaro gucungera neza ibiciro kuko basanzwe bafise amikoro make.