Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/03/2023

Publié le 16 mars 2023 par Rédaction
I. Umukuru w’umutumba wa Mutambara uri muri komine n’intara ya Rumonge arapfunzwe kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya cumi na gatanu Ntwarante (15/03). Amakuru dukura muri iyo ntara avuga ko hari uwoba yamwitwariye amwagiriza kumutwara umugore, ivyo abanyagihugu bo kuri uwo mutumba biyamiriza. Bakamenyesha ko ari irementanya kuko hari umugambi wo kumusubiriza kugira ngo hanyagwe itongo rinini riri mu gace ka Kayange, kuri uwo mutumba nyene. Abanyagihugu bakaba basaba ko yorekurwa hakaba amatohoza ku vyo yagirizwa.
II. Umugambwe uri ku butegetsi ntuhengeshanya gutoza ku nguvu intererano zitandukanye z’ibikorwa vy’umugambwe, ivyo na vyo bigatuma bene gutoza ayo mafranga bikika mu kiza mu gusahura ubutunzi bw’igihugu. Ivyo biri mu cegeranyo c’urunani FORSC, ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, co muri uku kwezi kwa kabiri guheze, aho urwo runani rufatira akarorero ku mafranga ariko atozwa n’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Cankuzo.
III. Akarere karakwiye guhagurukira ikibazo c’umutekano w’impunzi, kubera zidasiba kugirirwa nabi. Ivyo bishikirizwa na Jérémie Minani, umwe mu batavuga rumwe na leta, akaba abisavye inyuma yaho hatorewe ikiziga c’impunzi y’umurundi yari yahungiye mu gihugu ca Ouganda. Uyo na we akaba yagize uwa gatatu agandaguwe mu kiringo kitarenga amezi abiri. Akaba kandi abisavye inyuma yaho uwuserukira izo mpunzi amenyeshereje ko batewe umutima uhagaze n’ubwo bwicanyi.
IV. Haribonekeza mu ntara ya Muyinga ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa Mazout aho haciye indwi zirenga zibiri, ico gitoro kitaboneka. Inkurikizi z’ibura ry’ico gitoro, zikaba zatanguye kwibonekeza mu bijanye no kubaho kwa misi yose, haba mu ruja n’uruza rw’abantu n’ibintu, nk’uko bamwe mu banyagihugu bavuganye na radiyo Inzamba babimenyesha. Abo banyagihugu bagasaba leta gukora ibishoboka kugira ngo ico gitoro kiboneke, amazi atararenga inkombe.
V. Amahera akoreshwa mu kwubaka inyubako zose zikenewe mu gihugu abwirizwa kuja mu nteguro y’amahera leta ikoresha buri mwaka. Uyo n’umwihwezo wakozwe kuri uyu wa kane, n’ishirahamwe PARCEM, ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, bashike kw’iterambere rirama, ku bijanye n’ingene amafranga ya leta yakoreshejwe mu mwaka uheze wa 2022. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe asigura ko amafranga ariko arakoreshwa mu bikorwa vy’inyubako zitandukanye muri kino gihe, ata na hamwe agaragara mu nteguro ya leta. Agasaba ko hoshirwaho ubushikiranganji butegura imigambi ya leta, kugira amahera akoreshwa yose aje ku mugaragaro.
VI. Hari ivangura ry’abasaba ubuhungiro mu gihugu ca Tanzaniya. Iyo abarundi n’abakongomani bahuriyeyo hakirwa abakongomani gusa, abarundi na bo ntibakirwe. Abo barundi baba bahunganye n’abanyekongo, ngo iyo bidakunze ko babesha ko ari abakongomani bo mu bwoko bw’abafurero, ngo baca bashirwa ku ruhande, kandi ngo nta wumenya iyo babajana.

Ibindi bisa n'ibi