Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/04/2020

Publié le 16 avril 2020 par Rédaction

I. Abantu batatu baraye biciwe ku rugo rwa Pascal Ninganza, batazira Kaburimbo, ku mutumba Rubanga, wa komine Matana, mu ntara ya Bururi, bivugwa ko harimwo Pascal Ninganza nyene urugo. Vyemezwa n’abegereye umuryango wiwe, aho bavugako abapolisi babishe babanje kubaboha bongera barabasambisha. Mu gipolisi bamenyesheje ko basambuye umurwi w’abagizi ba nabi.

II. Ivyaraye bibaye muri komine Matana n’ubwicanyi ndengerabutungane. Ivyo n’ibivugwa n’uwuharanira agateka ka zina muntu Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE. Kubwiwe umuntu afashwe yagirizwa ivyaha, uko vyoba bingana kose, ajanwa imbere y’ubutungane. Pacifique Ninahazwe akavuga ko Général Thadée Birutegusa yoshirwa imbere y’ubutungane, akisigura igituma yashimye kwica abantu bageze mu minwe yiwe.

III. Abanywanyi bane b’umugambwe CNL bari mu minwe y’igipolisi, muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro, kuva kuri uyu wa gatatu. Ni inyuma y’aho bavugiye ko bategerewe n’umurwi w’imbonerakure ku mutumba Buhogo, zone Kibungere, bagakomeretsanya kumpande zompi.

IV. Abanywanyi batanu b’umugambwe CNL, bo muri zone Bigina, komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba, bapfungiwe mu gasho k’igipolisi muri iyo komine, kuva ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 11 za kuno kwezi. Abarongoye umugambwe CNL, muri komine Kayogoro bagasaba ko borekurwa, kuko ataco bazira.

V. Bamwe mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Mulongwe muri repuburika iharanira demokarasi ya Congo, baherutse gushinga ishirahamwe rikora amasabuni bise IRAD.  Iryo shirahammwe rikazofasha mukwiteza imbere kubanywanyi baryo, bagahamagarira n’abandi bari mubuzima nkubwo kwijukira gukorera hamwe.

VI. Isoko be n’utuzu tw’ubudandarizo two mwisoko, iri ahahoze ari zone ya 8 mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Mutendeli mu gihugu ca Tanzaniya, vyabomowe n’igipolisi kiri kumwe n’abasungusungu. Ico gipolisi kiri kumwe n’uwurongoye iyo kambi, bamenyesheje ko atawohirahira ngo asubire kudandariza muri iyo soko, eka n’abafise amakioske ari hirya y’iyo soko, bategetswe kudandaza ibibayabaye. Ariko bakaba batasiguriwe imvo yibomorwa ry’iyo soko.

VII. Uwundi muntu arwaye coronavirus yaramenyekanye ku munsi w’ejo wa gatatu, naho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu budashima kubitangaza. Ubu abarwayi ni 5, bari mubitaro Prince Louis Rwagasore, inyuma yaho umwe aherutse kwitaba Imana, we akaba yari arwariye mu bitaro Kira Hospital.

VIII. Ihagarikwa ry’imfashanyo Reta zunze ubumwe z’amerika ryahora riha ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS, rizogira ingaruka nini ku gihugu cacu c’u Burundi na rirya isi yose yugarijwe n’ikiza ca Coronavirus. Ivyo bivurwa na Muganga MINANI Jean. Kubwiwe, umukuru w’ico gihugu Donald Trump ngo yoba yabivuganye ishavu kubera ikiza ca Coronavirus cagisibije mu gihugu ciwe, ngo arafise icizere ko azokwisubirako.

IX. Umuhinga yigenga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana, yashize ahabona ingingo 12 zizofasha umunyepolitike azotorwa mu matora yo muri Rusama, kugira Uburundi bwogorore muri politike no mu butunzi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, ngo kugira izo ngingo zije mu ngiro, Faustin Ndikumana amenyeshako hakenewe ubwa mbere umunyepolitike abishoboye kandi akunda igihugu.                         

Ibindi bisa n'ibi