I. Amakenga ni menshi ku banyagihugu baganiriye na radiyo Inzamba. Ni mu gihe inama nshingamateka iheruka kwemeza ishingwa ry’igisirikare kirimwo abakukuruke n’imbonerakure. Abo banyagihugu bagaterwa ubwoba ko amabi yahora akorwa n’izo mbonerakure, agiye kwiyongera.
II. Ihohoterwa rya kiremwa muntu ryabandanije ryibonekeza mu mabohero ari mu gihugu kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT Burundi, irwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, co mu mwaka uheze wa 2021. Ku bwa Augustin Nimubona ajejwe gutumatumanako amakuru muri iryo shirahamwe, abakorera amabi abanyororo kenshi n’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi binyegeje mu ma comité ajejwe umutekano, bakabifashwamwo n’abarongoye ayo mabohero.
III. Haheze imyaka itandatu baromowe n’amazi. Abo n’abanyagihugu bo muri komine Gitaza, mu ntara ya Rumonge. Mu 2015, imvura y’umwuzurira yarabomoye amazu yabo n’abantu barahapfira. Baciye batwarwa muri site yitwa Mayengo yo muri iyo ntara nyene, ariko abo bantu kugeza ubu bavuga ko bagihura n’ibibazo vyinshi; bagasaba kugarukirwako.
IV. Umunsi mukuru wa Pasika buca uhimbazwa kuri uno w’Imana ushitse mu gihe abarundi bugarijwe n’ubukene butagira izina. Bamwe mu bavuganye na radiyo Inzamba bavuga ko ikena ry’igitoro ryaje risongera isibe, kuko ibintu vyose vya nkenerwa vyaduze igiciro ku rugero rudasanzwe.
V. Ibitsindo bine ku busa ni vyo umugwi nserukira gihugu w’abigeme badashikana imyaka 17 w’Uburundi watsinzwe na Tanzaniya, ku kibuga Urukundo i Buye mu ntara ya Ngozi. Mu rukino rwo gusubiriza mu gihugu ca Tanzaniya, Uburundi bufise amahirwe make cane muri izo nkino zo kurondera ibihugu bizoba mu gikombe c’isi. Inyuma yaho umugwi w’abakobwa w’abakuze uronkeye uburenganzira bwo kuzokina igikombe ca Afrika kizobera muri Maroc mu kwezi kwa gatandatu, abadashikana imyaka 17 bobo basa n’abamaze gusezera.
VI. Leta y’Uburundi igiye gushiraho igisirikare kizokwikorwako bikenewe kigafasha no mw’iterambere ry’igihugu. Ico naco kizoba gihurikiyemwo bamwe mu bakukuruke hamwe n’aba civil. Ikigabane Kw’isôko c’uno munsi, kiza kwihweza ibijanye n’imigambi leta ifise kuri ico gisirikare.