I. Ibiziga 2 vy’abantu b’abagabo vyatowe mu gitondo co kuri uyu wa mbere mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Ikiziga kimwe catowe muri zone Kinama, ikindi muri zone ya Ngagara. Icashikiye abo bagabo babiri nticamenyekanye.
II. Amajambo aherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye ahamagarira imigwi igwana gutahuka mu Burundi kugira habe ibiganiro n’ibihendwabana. Bivugwa na Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD. Ni mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa mbere n’uwo mugambwe. Ku bwiwe ayo n’amayeri leta y’Uburundi ikoresha mu guhenda amakungu kugira basubire kubaha imfashanyo. Alexis Sinduhije asaba nyabuna ibihugu vyahora bifasha Uburundi, kwihweza neza ibiriko biraba mu gihugu.
III. Kuva kuri uwu wa mbere, amasoko y’inka yose yo mu ntara ya Kayanza yugawe, kandi n’ukuzibaga birabujijwe. Ivyo bikaba biri mu rwandiko Rémy Cishahayo, buramatari w’intara ya Kayanza yandikiye kuri uwu wa mbere ba musitanteri bose barongoye ama komine agize iyo ntara. Izo ngingo zikaba zafashwe kugira indwara ya suna imaze kwibonekeza ku mitumba imwe imwe co kimwe n’iyindi ndwara itaramenyekana yatanguye gufata inka, ntizibandanye zikwirakwira muri iyo ntara.
IV. Abanyeshure bo mu myaka ya gatatu muri kaminuza nderabigisha ENS bamaze amezi icenda bataronswa amafranga y’ingurane bita prêt-bourse. Bavuga ko aho guhabwa iyo ngurane ahubwo bahabwa ingurane y’igihe gito. Bo babona ko ari découvert kuko ishirahamwe MUTEC baronkeramwo iyo ngurane, rica ribungukako umwe umwe ibice bine kw’ijana. Basaba umushikiranganji araba inyigisho za kaminuza kubatunganiriza.
V. Imyidogo ni myinshi ku banyeshure biga mu bisata vy’imyuga bo mu ntara ya Makamba, hamwe n’abayobozi babo. Bavuga ko iyo hageze ko baja kwimenyereza (stage) basabwa amafranga. Bemeza ko bikorwa n’abarongoye ibisata bitandukanye haba muri leta canke abigenga, kugira baronswe aho bimenyereza. Abavyeyi bo muri iyo ntara basaba ubushikiranganji bw’indero gutorera umuti urama ico kibazo.
VI. Ahandi hari imyidogo ni mu bitura ivuriro ry’ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge mw’ikambi y’impunzi i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya. Vyavuye ko uno musi batavuwe kubera ko abakozi baryo bari bahagaritse akazi basaba kuronswa imishahara y’amezi ane baheraniwe, nk’ukwo amakuru avayo avyemeza. Abitura iryo vuriro bagasaba ko iyo ngorane yotorerwa umuti, kugira nabo basubire kuvurwa.
VII. Amakuru yahavuye adushikira avuga ko ayo mafranga bariko barasaba bahavuye bayaronswa ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere nyene. N’abanyezamu bane bo kuri iryo vuriro bari bafashwe n’igipolisi imbere y’umutaga, bahavuye barekurwa.
VIII. Umugwi wa Flambeau du Centre ni wo watahukanye igikombe c’ihiganwa ry’uno mwaka mu mupira w’amaguru. Iyo ntsinzi yabonetse ku musi wa nyuma w’ihiganwa. Muri Basketball, naho kuri uno w’Imana ni ho hasozerwa inkino z’umusi wa kabiri w’ihiganwa.