I. Abapolisi babiri baratanye mu mitwe bapfuye igiturire bari bahawe n’umunyagihugu adandaza inzoga za Brarudi, ngo ashobore kuronka ikaziye. Ivyo vyabaye ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu, ku mutumba Nyakararo, komine Rutegama mu ntara ya Muramvya. Abanyagihugu babonye batanguye gufatana mu mashati, kugutinya ko bohava barasana baciye babaka inkoho, babona gutabaza abajejwe intwaro n’igipolisi muri komine Rutegama.
II. Uburundi bwarasubiye inyuma cane mu bijanye na politike muri iyi myaka ibiri iheze Evaritse Ndayishimiye ashitse ku butegetsi. Ivyo n’ibivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira arongoye CFOR-ARUSHA, aho avuga ko ubutegetsi butitandukanya n’umugambwe CNDD-FDD. Uyo munyepolitike akavuga kandi ko n’inama nshingamateka aho gukorera ku nyungu z’abanyagihugu, ikorera ku nyungu z’umugambwe mu gutora amategeko.
III. N’agateka ka zina muntu kagumye gahonyangwa ndetse n’umutekano urahungabana mu myaka ibiri amaze ku butegetsi. Ivyo na vyo bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike; aho amenyesha ko ibiharuro vy’abahungabanirizwa agateka kabo vyagumye vyiyongera. Akabona nyabuna umutekano n’agateka ka zina muntu vyateye bitosekara kuri iyi ntwaro yiwe; naho leta yo yagumye yemeza ko umutekano ari wose mu gihugu.
IV. Uburundi bugiye kugaburwamwo intara n’ama komine mashasha. Intara zikaba zizova kuri 18 zikaba 5, na yo ama komine akazova kw’i 119 abe 42. Izo ngingo zafatiwe mu nama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 ruheshi umwaka wa 2022. Intara zikaba ari izi zikurikira, intara ya Bujumbura ikazoba ifise umugwa mukuru Bujumbura, intara ya Buhumuza ikagira umugwa mukuru wa Cankuzo, intara ya Gitega umugwa mukuru wayo azoba ari Gitega, intara ya Burunga izoba ifise umugwa mukuru Makamba, hamwe n’intara ya Butanyerera izoba ifise umugwa mukuru Ngozi. Iryo gabanywa ry’intara n’ama komine, ngo bizotuma ubutunzi bwiyongera mu ma komine n’intara. Bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Ariko ngo kugira bishikweko, izo ntara na komine bikwiye kurongorwa n’ababishoboye, atari uko bizoba impfagusa.
V. Ubukene bw’intebe mu mashure ni kimwe mu bibazo bikomeye bihanze igisata c’inyigisho mu Burundi kandi gishobora gutuma akanovera k’inyigisho gatituka. Umuhinga Patrice Manengeri ajejwe igisata c’ibiharuro no gutunganya imigambi mu bushikiranganji bw’indero, yarabishimikiyeko kuri uwu wa gatatu mu gisagara ca Bujumbura, mu nama rukokoma ijanye n’ibibazo vy’indero mu Burundi. Yasavye abarundi bose guterera kugira ngo amashure yose aronke intebe zikwiye. Yabivugiye kuri radiyo Isanganiro.
VI. Imyidogo ni myinshi mu barimyi b’igiterwa c’umuceri barimira mu kiyaya ca Mukazye, kiri muri zone Giharo iri mu ntara ya Rutana, bivuye ku mahera hamwe n’imiceri bariko baratozwa n’uwurongoye ishirahamwe ryabo. Amakuru dukura muri iyo ntara akavuga ko ayo mafranga atozwa ku nguvu, ku ngingo yafashwe n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD bo muri iyo zone ya Giharo. Abanyagihugu bakaba basaba abarongoye iyo ntara kubatunganiriza.