Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/06/2023

Publié le 16 juin 2023 par Rédaction
I. Isi yose irahimbaza kuri uyu wa 16 Ruheshi umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafrika. Kuri uno mwaka, ukaba uhimbajwe ku civugo « Agateka k’umwana mw’ikoreshwa ry’imihora ngurukanabumenyi ». Urunani rw’amashirahamwe yiyemeje guharanira agateka k’abana mu Burundi FENADEB, rwaboneyeho gusaba leta y’Uburundi gukwiragiza ubwo buhinga ngurukanabumenyi mu gihugu cose kugira abana bose babukoreshe. Ariko, Ferdinand Simbaruhije ajejwe kumenyesha amakuru mu runani FENADEB, asaba abavyeyi gukurikiranira hafi abana babo kugira ubwo buhinga ngurukanabumenyi bukoreshwe mu nzira y’ukurondera ubumenyi.
II. Uburenganzira bw’abana b’abarundi bwo kwiga neza butubahirizwa. Ivyo binegurwa na Eulalie Nibizi, akurikiranira hafi ivy’indero mu Burundi. Avuga ko umwana adashobora kwiga neza mu gihe umuryango wiwe utifashe neza, haba mu butunzi canke mu kwidegemvya.
III. Eulalie Nibizi arongera akavuga ko iyo ndero y’umwana inatituka kurusha, kubera n’abigisha ataco bafise cotuma umwuga wabo bawutunganya neza. Inyuma yo kuba bake, ngo nta n’ubumenyi bukwiye bafise.
IV. Mu gihe hasigaye imisi 2 ngo imyaka itatu ikwire Varisito Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi bwo kurongora igihugu, hari ho vyinshi atashitseko kuko abashingwa amabanga hajamwo cane ibijanye na politike. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, rikangurira abarundi guhindura ingendo, akaba yabishikirije kuri uno wa gatanu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ku bijanye n’ivyaranguwe na Varisito Ndayishimiye mu myaka amaze ku butegetsi.
V. Bamwe mu badandaza baranguza ibicuruzwa vyabo mu ntara ya Rumonge, barahagaritse ibikorwa haraheze iminsi ine. Basigura ko bakora bahomba bivuye ku noti nshasha zitararwira mu banyagihugu. Abaguzi nabo bakavuga ko ukwo guhagarika imirimo kwabagizeko ingaruka zidasanzwe.
VI. Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Makamba barashima ingingo ya leta yo guhindura inoti za bitanu n’ibihumbi 10. Ariko baranegura ko batariko bararonswa inoti nshasha. Abandandaza bo ku mugwa mukuru w’iyo ntara bo bavuga ko bariko bakorera mu ruhombo kuko batararonka inoti nshasha.
VII. Abadandaza b’ibiharage ku mugwa mukuru w’intara ya Ngozi barugaye ibibanza bahora badandarizamwo. Basigura ko bataronka aho barangura. Ni inyuma y’aho biburijwe ko ibiharage n’ibindi biribwa bikurwa mu ntara canke ama komine bijanwa ahandi. Abo badandaza bavuga ko ubuzima bwabananiye kuko urwo rudandazwa ari rwo rwari rubatunze. Abasumyi na bo bakavuga ko batabona uko bagiye kubaho. Basaba ko iyo ngingo ihinduka.
VIII. Barataka batakambira Buramatari w’intara w’intara ya Muyinga, ngo abafashe batahukanwe mu gihugu c’amavukiro gurtyo bave mu magorwa barimwo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, aho bamaze imisi bagorewe. Abo ni abagabo 14 baturuka ku mitumba itandukanye igize komine Giteranyi bavuga ko batwawe n’umugwizatunga kwimba ubutare, mu nyuma akabihinduka ntibaronke n’impembo bakoreye. Muri kino gihe abo bagabo aho bari mw’ishamba aho bita Dodoma, bavuga ko bataronka n’amazi yo kunywa, icibagiwe co ngo ni imfungurwa.

Ibindi bisa n'ibi