I. Uburundi kuva buramutswa umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye, umutekano uguma utosekara, agateka ka zina muntu gahungabana uko bukeye uko bwije. Abantu baricwa, abandi bakanyuruzwa, mbere hakaba hari n’ababurwa irengero canke mu nyuma bagatorwa ibiziga. Abakekwa muri ivyo vyaha bitandukanye abenshi basa n’abakingirwa ikibaba n’inzego z’igihugu.
II. Ibiriko biraba ngo vyerekana neza y’uko atacahindutse mu buyobozi bw’igihugu. Ivyo bivugwa na Frederiko Bamvuginyumvira, icegera c’uwurongoye urunani CFOR- Arusha ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta. Akaba yibazako umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye vy’ukuri atariwe atwara igihugu ; ahubwo ngo hari akarwi kamutegeka ivyo akora.
III. Umukuru w’igihugu mushasha ngo yarateye intambwe mu mugambi wo gukinga akaranda ka Covid19 gusumba uko vyari ku ntwaro y’uwo yasubiriye Petero Nkurunziza. Ivyo biri mu vyashimwe n’umugwi w’amatohoza ya ONU ku Burundi. Icegera c’uwurongoye uwo mugwi Françoise Hampson, mu cegeranyo cashikirijwe i Geneve ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu kiraba ivy’agateka ka muntu kw’isi, yavuze ariko ko hakiri ibibazo ku bijanye n’agateka ka muntu mu gihe ubutegetsi bushasha bugihakana amabi yakorewe abantu kuva mu mwaka wa 2015.
IV. Térence Mushano icegera c’umukuru w’ishirahamwe AC Génocide Cirimoso aridegemvya kuva ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu, inyuma y’indwi yose apfungiwe mw’ibohero ry’inyamiramabi mu Bwiza, yagirizwa guhungabanya umutekano. Umuhari Iteka urashimishwa n’irekurwa rya Térence Mushano, ugasaba nyabuna ko n’izindi nzirakarengane zorekurwa.
V. Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi, HCR, ryaragabanije imfashanyo igizwe n’imfungurwa ryahora ritanga ku mpunzi z’abarundi ziri mu makambi mu gihugu ca Tanzaniya. Naho HCR ivuga ko ari zimwe mu ngaruka zaturutse ku kiza COVID-19, izo mpunzi zo zibona ko ari ugushaka kuzitahukana ku nguvu.
VI. Imisi mpuzamakungu yahariwe ibidukikije n’ukurwanya ubugaragwa yahimbarijwe rimwe kuri uyu wa kane mu Burundi. Ni mugihe igisata c’ugukingira ibidukikije kirangwamwo ingorane nyinshi muri kino gihe. Ibirori nyamukuru vyabereye muri komine Buhinyuza mu ntara ya Muyinga.
VII. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi ishami rirongowe n’umupfasoni Immaculée HUNJA, waraye usohoye urwandiko aho uhamagarira Reta kwikubita agashi, ikagarukira igihugu amazi atararenga inkombe mu kwaka ibirwanisho uturwi tw’imbonerakure, n’uguhana abagirizwa ivyaha. Kubw’umupfasoni Sophia SHIMA ajejwe kumenyesha amakuru muri uwo muhari, ngo icatumye basohora urwo rwandiko n’uguhamagarira amakungu agakurikiranira hafi ubwicanyi bubandanya bukorwa mu gihugu ku munsi, atacamira.