Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/07/2021

Publié le 16 juillet 2021 par Rédaction
I. N’inkuru nziza mu muryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi. Uwashinze ikinyamakuru IWACU, umwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru Antoine Kaburahe, yatowe kuja mu bagize urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira ubwigenge bw’abamenyeshamakuru   kw’isi Reporters Sans Frontières.
II. Umukuru w’igihugu ca Tanzania Samia Suluhu,  kuva kuri uyu wa gatanu ari mu rugendo rw’imisi ibiri mu Burundi. Muri urwo rugendo bitegekanijwe ko hazoganirwa uko imigenderanire hagati ya Tanzaniya n’Uburundi yifashe, hakazoba kandi no gutera umukono ku masezerano mashasha yo gufashanya mu bijanye n’ubutunzi hagati y’Uburundi na Tanzaniya.
III. Kubwa Vital Nshimirimana arongoye ishirahamwe FORSC amenyeshako ikibazo c’impunzi z’abarundi ari kimwe mu bibazo bihambaye, abo bakuru b’ibihugu uko ari babiri bari bakwiye kwicarira. Vital Nshimirimana akabonako leta ya Tanzaniya itakaza ishusho nziza yayo, iyo iriko iravugwa mw’itotezwa ry’agateka k’impunzi, kandi kuva ku ntwaro ya Julius Nyerere camye ari igihugu cakira impunzi, na cane cane izaba ziriko zirwanya intwaro z’akarenganyo.
IV. Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku bijanye n’inyuruzwa ry’abantu mu Burundi, ngo n’ikinyoma cambaye ubusa. Akaba yabishikirije kuri radio na television vy’abafaransa RFI ku musi wa gatatu. Isekeza Ndondeza rivuga ko rimaze gukora ama dossiers agera ku majana abiri (200) y’abanyurujwe, muri abo hakabamwo na bamwe mu banyurujwe muri uyu mwaka Evariste Ndayishimiye amaze ari ku butegetsi. Isekeza Ndondeza ribona ko amajambo y’umukuru w’igihugu aje kwerekana ko ata butungane imiryango y’abanyurujwe izoronswa.
V. Ku kibazo c’abarya ibiturire umukuru w’igihugu yabajijwe n’abamenyeshamakuru b’i radiyo RFI, ngo yakoresheje imvugo ya politike. Uko niko bivugwa n’ishirahamwe OLUCOME inyuma y’aho President Evariste Ndayishimiye yagirije amwe mu mashirahamwe arwanya kurya ibiturire ko ari mu bakorana n’abanyuruza amatungo ya leta.
VI. Abegereye imiryango y’abanyororo bapfunzwe bagirizwa kugira uruhara mu gitero cabaye kw’ikambi ya gisirikare yo ku Mukoni, ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga mu mwaka 2017, bavuga ko urubanza rwabo rumaze imyaka ine irenga ruzingamiye muri sentare ntahinyuzwa mu gisata ca gasamburamanza. Basaba kuronswa inyishu ya sentare ntahinyuzwa kuko ngo barindiye amaso ahera mu nzira.
VII. Abanyagihugu bo muri komine Buganda mu ntara ya Cibitoke bamaze imisi babona ibidandazwa vya magendo bizanana mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bijabukanywe uruzi Rusizi.  Ibidandazwa bigizwe aha nini n’ibitenge hamwe n’ibitungwa. Bamwe mu basirikare bafadikanije n’imbonerakure nibo barekura ivyo bidandazwa bikinjira bapfumbatishijwe igiturire.
VIII. Bamwe mu badandaza ibinyobwa vya Brarudi, muri komine Kayogoro, intara ya Makamba, baridogera iryo hinguriro. Bavuga ko urwaruka rw’imbonerakure rumaze igihe rucungera itangwa ry’ivyo binyobwa, rukoresha ivya politike, rugashira imbere abari mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Abo badandaza bagasaba ihinguriro BRARUDI kugarukana uburyo bwa kera bwo gukurikiza urutonde mu gutanga ivyo binyobwa.
IX. Abagwizatunga bafise amashirahamwe atandukanye mu ntara ya Muyinga ntibakingira ngo bongere bategekanirize kazoza abakozi babo. Abo bakozi bakavuga ko abakoresha babo batabarihira haba mu mashirahamwe yo kuvuzanya, canke mw’ishirahamwe ritegekaniriza abakozi INSS. Ivyo bikaba uko mu gihe hari itegeko-bwiriza rihamagarira abakoresha bose kuvuza no gutegekaniriza kazoza abakozi babo.
X. Hari umukenyezi wo ku mutumba wa Rukinzo, zone ya Bwasare yo muri komine Gasorwe, mu ntara ya Muyinga, yazindutse afatwa n’igipolisi mu agatondo ko kuri uwu wa gatanu, yagirizwa kuniga umwana yibarutse, agaca amuhamba mw’ishamba haraciye imisi 10, nk’uko abajejejwe intwaro aho ku mutumba Rukinzo bavyemeza. Venansiya Nizigiyimana ngo akaba yaciye ahungira ku musozi Kaguhu muri iyo zone nyene ku mugabo bivugwa ko ariwe yamuteye iyo nda, nk’uko ayo makuru abandanya avyemeza.  Iryo bara ryagiye kumenyekana ari uko abantu baba hafi yaho uwo mwana yari yahambwe, babonye imbwa ziriko zirya umubiri w’umuntu. Igipolisi kikaba kandi caciye gifata umugabo w’uwo mukenyezi yari yahungiyeko bivugwa ko ari na we yari yamuteye iyo nda.

Ibindi bisa n'ibi